IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Buterere : Ishirahamwe LUMITEL ryatanze amakarata yo kwivurizako ku (...)

Buterere : Ishirahamwe LUMITEL ryatanze amakarata yo kwivurizako ku miryango 600 ya bantahonikora

samedi 23 juin 2018

Ayo makarata yo kwivurizako yatanzwe ku miryango amajana abiri yo muri karitiye Mubone, amajana abiri yo muri karitiye Mugaruro, no ku miryango 200 yo muri karitiye Kabusa, yose ya bantahonikora.

Yaba umukuru wa zone Buterere canke umuhanuzi w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaje aserukira umukuru w’igisagara, bose bashimiye ishirahamwe Lumitel kuba baje gukorera ico gikorwa muri zone ya Buterere.

Yavuze ko abanyabuterere batewe iteka ridasanzwe kuba Lumitel yakoreye ico gikorwa muri zone yabo, kandi vyerekana ko ishirahamwe Lumitel ribafise ku mutima, aca asaba ishirahamwe Lumitel ko ritohereza aho, ryoja no mu yandi mazone.

Mw’ijambo ryiwe, icegera c’umuyobozi mukuru wa Lumitel, yavuze ko icatumye batanga ayo makarata yo kwivurizako, ari uko kugira amagara meza bisumba vyose, kandi amagara meza ariryo tunga rya mbere.

JPEG - 166.7 ko
Icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Lumitel

Ati :« Igituma twatanze aya makarata ni uko kugira amagara meza bisumba ibindi vyose, kandi amagara meza ariryo tunga rya mbere. Ubu ntibazosubira kugira ubwoba ngo amagara arabakitse, bazoshobora kwivuza ata ntambamyi z’uburyo. »

Ku ruhande rwiwe, uwaserukiye abanywanyi b’abizigirwa nawe yashimiye ishirahamwe Lumitel, akaba yipfurije Lumitel kwagura imbibe, bashike no mu zindi ntara, kuko ba ntahonikora ari benshi.

Nk’uwaserukiye abanywanyi b’abizigirwa, uwaserukiye abaronse amakarata yo kwivurizako yashimiye ishirahamwe Lumitel ku kigoro ko kurokora ba ntahonikora babangamiwe n’indwara zivuye ku bukene.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira Martin NIVYABANDI, yavuze ko abantu barwara bose ariko itandukaniro riri ku kungene bivuza, kuko hari abivuza ku buryo bwabo n’abashigikirwa.

JPEG - 171.1 ko
Martin NIVYABANDI, Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, gushigikirana n’iterambere ridakumira

Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko hagiyemwo ugushaka kw’abavuka muri zone Buterere, amakarata yo kwivurizako atobura, aca asaba abaishoboye bose guterera mu kigega co gushigikirana.

« Ikibazo si amafaranga, kugira abanyabuterere baronke amakarata yo kwivurizako ahubwo habuze ugushaka. Nsavye ababishoboye n’ayandi mashirahamwe guterera no gushigikira ba ntahonikora. »

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI yateye intege ishirahamwe Lumitel, aca amenyeshako gushigikira Reta atari gutanga amafaranga gusa, ariko ko no gufasha abanyagihugu ari ugushigikira Reta.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira yasavye ko hanyuma ishirahamwe Lumitel ritunganijwe igikorwa nk’ico boshiramwo ubushikiranganji kugira nabwo buterere.

Mwomenya ko igikorwa co gucagura ba ntahonikora bahabwa amakarata yo kwivurizako cakozwe n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi.

JPEG - 153.1 ko
Umukuru wa Zone Buterere
JPEG - 175.9 ko
Umuhanuzi w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.