IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CNAC Murima w’isangi isaba ARFIC gukurikirana igiciro c’ikawa

CNAC Murima w’isangi isaba ARFIC gukurikirana igiciro c’ikawa

vendredi 20 Nzero 2017

Umukuru w ‘urunani rw’abarimyi b’ikawa mu Burundi CNAC-Murima w’Isangi Joseph NTIRABAMPA asaba ikigo kijejwe kugenzura igiterwa c’ikawa ARFIC gukurikirana neza igiciro c’ikawa.

Joseph NTIRABAMPA amenyesha ko hari abaguzi b’ikawa idatonoye hamwe n’ayandi mashirahamwe y’abigenga yafashe ingingo yo kwongera amafaranga kubera umwimbu waabaye mwiza mu kiringo ca 2016-2017,agasba n’abandi gukora ukwo.

Umukuru wa CNAC-Murima w’isangi avuga kandi ko hibonekeje n’urudandazwa rwa magendu mu gisata c’ikawa,na cane cane ijanwa mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.

Joseph NTIRABAMPA amenyesha ko mu gihe igiciro c’ikawa cari amajana ane ku kiro,habaye iduzwa ry’igiciro kandi abarimyi b’ikawa bari bamaze gushora ikawa yabo kw’isoko.

Umukuru wa CNAC Murima w’Isangi saba abajejwe igisata c’ikawa gukurikiranira hagufi ibiciro vy’ikawa kugira umurimyi ntabe ariwe ahomba kandi ariwe ayikorera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.