IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > EALA yashikirije uko yakiriye ikibazo c’abashingamateka b’Abarundi batitavye (...)

EALA yashikirije uko yakiriye ikibazo c’abashingamateka b’Abarundi batitavye ibikorwa

mardi 7 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko kubona ibikorwa vy’iyo nama vyabaye abashingamateka baserukira Uburundi badakwiye, ko ata kibazo na kimwe biteye kubera igitigiri c’abaserukiye Uburundi bitavye ivyo bikorwa gikwiye kugira ingingo zikenewe zifatwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, yavuze ko kuba hari Abarundi batitavye iyo nama, bitabuza ko ibikorwa bibandanya.

Daniel Fred Kidega yibukije ko amategeko agenga iyo nama nshingamateka itegekanya ko ibikorwa bishobora kubandanya ukuri kwamye, n’ingingo zigafatwa, mu gihe igihugu kimwe mu bigize iyo nama nshingamateka kiba caserukiwe n’abashingamateka batatu.

JPEG - 228.7 ko
Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA)

Daniel Fred Kidega aranegura ariko kubona abashingamateka batanu b’Abarundi bagaragaje ko batizeye umutekano wabo mu Rwanda, mu gihe Urwanda rwari rwijeje ko umutekano ucungerewe neza ku butaka bw’Urwanda. Uwo arongoye iyo nama nshingamateka akavuga mbere ko yari yavuganye n’Urwanda kugira abashingamateka bazokwitaba iyo nama bazoshikire mu mahoteri atekanye.

Abashingamateka 5 kuri 9 baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko baheruka kubwira uwo atwara iyo nama ko batazokwitaba ibikorwa vyayo bitegekanijwe kubera mu Rwanda. Abo bashingamateka bavuga ko umutekano wabo utoba wubahirijwe kubera imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza.

Abo bashingamateka batanu bose ni abo mu mugambwe CNDD FDD. Abo nabo ni : Emerence Bucumi atwara umurwi w’abashingamateka b’Abarundi muri Afrika y’ubuseruko, Leonce Ndarubagiye, Emmanuel Nengo, Ndahayo Isabelle hamwe na Muhirwa Jean Marie aheruka kuja gusubirira umupfasoni Afsa Mossi yiciwe i Bujumbura mu mwaka uheze.

Bane bitavye ivyo bikorwa ni : Ambassadeur Jeremie Ngendakumana, Ngenzebuhoro Frederic K, Dr Martin Nduwimana hamwe na Nsabimana Yves.


IGIHE

Messages

  • iyo ubonye umutekano wawe udakwiye umenya numwanzuro wogufata ariko byaba bibabaje nibyaba arukuri uwomutekano utari uhari nkaperezida winama yarakwiye kugenda yizeho ico kibazo kugira ntikizôgere

  • Abo bandi bari gutera amavoka na sebuja wabo RUTWE.

  • Aba Deputes batagiye mu Rwanda birazwi ko bishe abantu muri Genocide yo muri 1994,bazofatwa tout

  • Birakabona Babihevye Ntibajeyo . Kagame Aba Rundi Twaramuhinyuye Ingene Aguma Ahemba Abaza Kwica Bene Wacu . Mugabo Amenyeko Adasumba Imana .

  • Birakabona Babihevye Ntibajeyo . Kagame Aba Rundi Twaramuhinyuye Ingene Aguma Ahemba Abaza Kwica Bene Wacu . Mugabo Amenyeko Adasumba Imana .

  • Mbega uubundi bitaba iki abo ba dd-FDLR ko ata nimitwe bagira. Abagiye barize bafise ico baterera bitavye Mr dd yo na Sebuja wabo Nkurumbi ntarenga imbibe. Sinzi nico boba bagiye gukora. Vyiza bosiba kuko n impehe nsa gatinya shengero imbwa Z ishamba.

  • Mbebashahu umubiligi nawe yarinze abona umuntu nka Kagame akunda amahera cane akenera gukora ivyobanubwiye amahera bazoyamumarikako ngwarinazo ashaka kubashikanako ariko nikarindire tugasome neza kazoburiramwo vyose kazosanga kariteranirike ubusa kubany’Africa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.