Home > Amakuru > ishirahamwe > Faustin NDIKUMANA: “Umugambi wo kugwanya igiturire ntaco washitseko”
Faustin NDIKUMANA: “Umugambi wo kugwanya igiturire ntaco washitseko”
Monday 27 August 2018, by
Umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA amenyeshako mu myaka 8 iheze umukuru w’igihugu ashikirije ko hagiye kuba ukutihanganira abarya igiturire hama inzego zijejwe kukigwanya hamwe n’itegeko rikigwanya bigashirwaho ataco vyahinduye.
Uyo arongoye ishirahamwe PARCEM avuga ko naho amategeko yisungwa n’ inzego zijejwe kugwanya igiturire yahinduwe mu ntumbero yo kukigwanya hamwe n’ivyashikirijwe mu nama rukokoma y’ubutungane kugira vyisungwe mu kugwanya igiturire vyose bisa nivya bitswe kuko atacahindutse mu bijanye n’igiturire.
Faustin NDIKUMANA avuga ko batabona ivyo kugwanya igiturire aho bigeze kuko nivyasabwe bijanye no kwerekana amatungo umuntu aba abafise na cane cane ku bategetsi vyari gukorwa vyabaye akamizwe n’ingoma.
Faustin NDIKUMANA asaba abarongoye igihugu guhindura ingendo kugira bumve ko kugwanya igiturire no kunyuruza amatungo ya reta ico gisigura mu ntumbero yo gufasha igihugu kigume gutera imbere.
IGIHE
Forum posts
27 August 2018, 15:51, by twaje
Foustin avuzengo umugambi wokurwanya igiturire ntacowashitseko, ndashaka nanje ndamwibarize, nti: mbegamweho iryoshirahamwe ryanyu PRACEM kontarabona ahomwemanga ngomuvugeko mwashitse kwihangiro ryiryoshirahamwe ryishinze?
27 August 2018, 20:34, by nyabenda clement
abakora kukibuga cindenge
twosaba bose ko boza barabahindura
Bararengeje mu kurya ibiturire