IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ida Sawyer:’’ Abarongozi b’Uburundi ntibashaka ko isi imenya ibikorerwa mu (...)

Ida Sawyer:’’ Abarongozi b’Uburundi ntibashaka ko isi imenya ibikorerwa mu gihugu’’

samedi 7 Nzero 2017

Ida Sawyer arongoye Human Rights Watch mu karere ko hagati amenyesha ko ingingo yo guhagaruka burundu ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA ifise intumbero yo kuzimanganya ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorwa mu Burundi.

Kubwa Ida Sawyer arongoye Human Right Wtch mu karere ka Afrika yo hagati, bamwe mu barongozi b’Uburundi bafise icipfuzo c’uko aribo bonyene boshikiriza uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.

Uwo arongoye Human Right Watch mu karere ka Afrika yo hagati avuga ko abategetsi b’Uburundi badashaka ko isi imenya ibikorerwa mu Burundi mu bijanye n’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu,ari naco gituma bashaka kubinyegeza biciye mu guhagarika amashirahamwe akorera mu gihugu.

Ida Sawyer arangiza amenyesha ko abarongozi b’Uburundi bashaka kwereka amakungu ko mu gihugu ibintu vyifashe neza mu bijanye n’agateka ka zina muntu, kandi atariko biri.


IGIHE

Messages

  • Bareke babihishe bizotindabimenyekane nuwendeye inabukwe mukuzimu yaramenyekanye

  • akokagore ivyokavuga kabivanahe? ajane luge iteka mugihugu ciwe Abe ariho ikorera irementanya. turabe ko reta yabo izovyemera! bamumenyera kuvugukuri ntagihugu kitagira amategeko.

  • Mbe wamugorewe wanaka, kowamenye ivyurwanda rwakoreye uburundi nabarundi wakoze iki canke uriko urakora iki?
    Twarabahinyuye nubu ishavu riraniga bishobotse tuzobereka ahorigarukira.

  • Ewe,wamugorewe,reka,gukoza,agati,muntozi,ngonuko,wibereye,iburaya,nkurunziza,petero,azogutuma,igera.Canke,inkuba!!Niwinumire,na..Obama,yaranumye.

  • Ubu ibigiye Kuba mu Burundi vyaramenyekanye le 31 déc.Ibinyiganyiga bigiye kurandurwa. Umuriro nawo uteme utongora. Ayo majambo yavuzwe hari abafashe ibendera y’igihugu abandi bandika bifata notes. Harya yaravuze kandi icaburiwe kigapfa n"impongo.

  • Harya ariko arisema umuriro ugiye kurigatawe, kandingo umusi warwo inkoko ntibika, mwibuke abapfuye bibihangange kumusuvya nibeshi, kandingo urucira mukaso rugahitana nyoko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.