Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Inama nshingamateka isabwa guhamagaza umushikiranganji w’ubutare n’agataka (...)
Inama nshingamateka isabwa guhamagaza umushikiranganji w’ubutare n’agataka gusigura ibijanye n’intererano y’amatora
mercredi 4 avril 2018
Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi,rimenyesha ko ricibaza nimba amafaranga yose yatanzwe n’amashirahamwe yose yo hanze acukura ubutare, ariyo yashizwe kw’ikonte yo guterera amatora ya 2020.
Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko, bafise amakuru ko hari ubundi bushikiranganji bwakoresheje ububasha bufise, mu gusaba amashirahamwe akorana nabwo guterera amatora kandi hatisunzwe amategeko.
Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta,OLUCOME, rimenyesha ko ritahengeshanije kwerekana ko intererano y’amatora ya 2020 idakurikije amategeko, rigasaba kandi ko itegeko nshikiranganji riyishinga rihagarikwa.
Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME rivuga ko ryemeza ko intererano y’amatora ya 2020 idakurikije amategeko ryisunze ko, ibwirizwa nshingiro ry’uburundi, mu ngingo yaryo ya 70,ku karongo ka 4, risaba abarundi guterera kw’itegeko mu gihe hari ikiza, amatora nayo akaba atari ikiza.
Ryisunze intererano yatanzwe n’ubushikiranganji bw’amasoko ntananguvu, ubutare n’agataka, ishirahamwe OLUCOME, risaba amashirahamwe yo hanze acukura ubutare mu Burundi, gusigura igituma yatanze intererano y’amatora ya 2020, mu bushikiranganji, hahonyanzwe amategeko.
Ishirahamwe OLUCOME risaba umukuru w’inama nshingamateka gukurikiranira hafi ibijanye n’intererano y’amatora ya 2020, kuko risanzwe ryarasavye ko amafaranga y’amatora aja mu nteguro iboneka y’ingene amafaranga azokora mu matora azokoreshwa, ariko bikaba bitigeze bikorwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
4 avril 2018, 14:06, par ndabaniwe
Yewe Rufyira na Olucome yawe murarushe. Muhebe murwanye iciza naco ? Ahubwo namwe nyaragasa mutange iyo ntererano kuko igihugu gitunganye, inzgeo zikiyobora zigiyeho, ni naho namwe muronka aho mukorera.