IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe AJAP rigiye gukwiragiragiza igiterwa ngirakamaro (...)

Ishirahamwe AJAP rigiye gukwiragiragiza igiterwa ngirakamaro Stevia

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe ry’urwaruka rwo muri Afrika ruharanira itera mbere riciye mu bikorwa AJAP mu mpfunyapfunyo, ryagirishije inama yo kurabirabira hamwe ivyaranguywe mu mwaka uheze w’i 2013 no kwipfurizanya umwaka mushasha w’i 2014.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 07 Ruhuhuma mu Kigobe, ishirahamwe AJAP «Association pour une Jeunesse Africaine Progressiste » ryakoranije abariserukira mu ntara zose z’Uburundi mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyakozwe n’iryo shirarahamwe, hamwe no kwipfurizanya umwaka w’i 2014 uri mu ntango.

Iryo shirahamwe rikorana n’urwaruka, ryamenyesheje vyinshi vyakozwe bifasha urwaruka mu kwirinda ibisamaza no kwiteza imbere, ndetse no guteza imbere igihugu. Muri ivyo vyaranguye n’iryo shirahamwe harimwo umugambi ukomeye wo gutera mu Burundi igiterwa citwa« Stevia» ngirakamaro ku magara y’abantu no kwiteza imbere mu vy’ubutunzi caje kiva mu makungu.

Nsengimana Eric arongoye akongera agaserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe, amenyeshako bahejeje kuvugana n’ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi n’abazanye igiterwa ca Stevia bakivanye mu Bubirigi kugira gikwiragizwe mu ntara zose z’igihugu, kuko bamaze kugitera mu ntara yifatiro ya Mwaro ari naho bazokura imbuto yo gukwiza ico giterwa mu gihugu cose.

Nsengimana Eric amenyeshako igiterwa« Stevia» kivura indwara nyishi harimwo indwara z’igisukari, kiravura kandi kirakinga indwara z’ibihute, z’umutima gifise akamaro kanini kuko gikorwamwo ibinyobwa vy’imitobe hamwe n’ibiyeri atandwara y’igisukari bitera. Avugako mu minsi iza kizoba cashitse ku misozi yose y’uburundi kuko ivyirwa vyakozwe n’abahinga, vyerekana ko ico giterwa gishobora kuba mu Burundi.

Muri uwo mwanya nyene, ishirahamwe AJAP ryatanze impapuro z’icubahiro «Certificat d’Honneur» kuri bamwe mu banyeshirahamwe batereye bikomeye mw’iterambere ry’iryo shirahamwe mu mwaka w’i 2013. Mwomenyako ivyo birori vyari vyatewe iteka n’uwaserukiye ishirahamwe ry’Ubumwe bw’afrika mu gisata c’urwaruka, hamwe n’uwaserukiye umushikiranganji w’inkino, urwaruka n’imico kama, ari ndetse no mu bashimiwe.

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ivyo ni vyiza cane, ndabishigikiye. Igisa nabi kuri irya foto itangura, nuko umengo bariko bagirisha inama, n´ibirahuri vyinzoga biteretse iruhande yabo.

    Tangura inama, munywe hanyuma. Ntibijanye na gatoyi.

  • Turabashigikiye komerezaho ariko ahohari ibirahure vyutwotunyobwa mwarikomuranywa mwarikuhashira ubwobwoko bwicogiti wamugani wa Jean ntibijanye nuwomugambi wicogiti ahonyeni company ikora ivyobinyobwa niwemwamamarije ivyobinyobwavyiwe, Ariko ndabashimiye. mbenone kwicogiti kizokundwa nabantubeshi, mubona burimwaka muzoza muraturosa imivyaro iganagute?

  • Murakoze cane kuduterintege kubijanye na message yambere ntituraharura imivyaro izotangwa kubanyagihugu kumwaka ariko ico tuzi twatanguye kubaka isine izokumisha amababi kubera ko igitegwa kinyaruka kwera kimara amezi abiri ntibakirime ngo gipfe hama ubryo burategekanijwe kubarimyi borozi tubicishije mwishirahamwe AJAP rikorera mubrundi mntara zose kizoshikira abacifuza ubu tugiye kuzana vuba imbuto kuva Belgique tuzitange muntara zose abantu bakirime kuri message igira kabiri bivana nuko wabibonye kuko twebwe twatanguye inama hama turasangira ifanta umumenyeshamakuru yafashe ama foto ntumu proposa izo ashiraho sino munama ntanzoga twari dufise ngira yunvise iciyumviro cawe azoshiraho izo munama Eric kubwa AJAP

  • Ni vyiza ariko ivyerekeye gkwiragiza ibiterwa bikwiye kuguma bikorwa n’ibigo vy’ubushakashatsi kuko nibo bonyene baba babifitiye ubuhinga. Birogoye kwemera ko ishirahamwe risanzwe rishobora kuronka abokurikirana ingene ivyobiterwa mu gihugu cose, bakoresheje rigueur ikenewe mu ma essai multilocaux

  • Neza cane inyishumutanze irasobanutse 100% turimamwe mwiyomigambi mwatanguye mwiza.

  • Kubijanye nabahinga turiko dukorana na isabu universtite du burundi et uverstite louvin muri belgique hamwe nabandi nimugire amakenga kurico twaravyiteguriy

  • Kuri Jean Rub nagira ndamuhumurize kobatanyoye bakiri mu nama.Batanguye kunywa inama iheze.Iyo foto ubona ,bari bahicaye bariko baraganira ibindi vyabo bisanzwe.
    Kubijanye na STEVIA, dusaba ko uwo mugambi wonyaruka .Mbere ico giterwa turagikeneye aha mu Cankuzo.

  • Barundi bene mama, imbere yuko mwemera ivyo umuzungu aje ababwira ngo ico gitegwa kivura diabete, gikorwamwo amayoga adatera ingorane kubarwaye diabete, ni mwihweze neza, ntimuhendwe mubona. jewe mbaye muri Canada imyaka irega 25 (plus de 25 ans), niho nakuriye, kandi n’iwacu ndahazi njayo buri mwaka, reka ndabacire agace. Abo bazungu barababesha ngo bazanye igiterwa ngirakamaro ku barundi, ariko ntakindi kibazanye atari inyungu zabo. Muzosanga muriko murakirima ariko wewe atwara mu bubirigi ivyakivuyemwo. Mbega, mu bugirigi be n’ahandi i Burayi ko diabete ibamaze, nimba bafise ico gitegwa kiyivura, kubera iki atagize production y’uwo muti mu bubirigi kandi tuzi ko diabete itaratoregwa umuti w’ikizungu gushika ubu! Akunda abarundi cane kugira abazanire umuti atahaye ababirigi benewabo! Si ndiko ndavuga ko ico gitegwa kidakora nkuko babivuga, kubera ntavyonzi, ariko rabe neza, baramenyereye kudukirimbirako, umu voyou w’umuzungu yiburiye akazi mu bubirigi arota kuja gukoresha abanyafrika kunyungu ziwe gusa! rabe neza bana ba mama, mutohoze neza, mukore ico muzi! murakoze.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.