IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ASSEJEBA ryafashije imiryango 150 y’abatwa gushingirana imbere (...)

Ishirahamwe ASSEJEBA ryafashije imiryango 150 y’abatwa gushingirana imbere y’amategeko

Monday 10 September 2018, by vianney

Umukuru w’ishirahamwe ASSEJEBA Evariste NDIKUMANA yamenyesheje ko ata terambere rishoboka k’umuntu atagira inkaratasi nki z’amavuka,karangamuntu kuko mu kugira ubugeni zisabwa kandi ingaruka yibonekeza ku miryango itanditswe muri komine aruko abakenyezi bashobora kwirukanwa n’abagabo babo umwanya wariwo wose kuko baba batanditswe.

Evariste NDIKUMANA yasavye abatwa kurondera ivyangombwa vyose no kwiyandikisha kugira baronke uburenganzira buri murundi afise yongera atera akamo Reta gukora ibishoboka vyose kugira abatwa baronke ibibaranga hamwe no kuronsa amatongo ku batwa batayafise.

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi Anna Capser yamenyesheje ko iyo miryango y’abatwa 150 yubakanye biciye mu mategeko vyerekana ubwenegihugu kandi vyerekana icubahiro bwa kiremwa muntu.

Anna Casper yavuze ko ata nkeka imiryango imaze kuronka ivyangombwa bitandukanye imaze kubona ubudasa.

Uyo aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi yateye akamo abatwa kuja mu mashure kugira bashobore gushika k’urugero rw’abandi.

Anna CASPER yaboneyeho akaryo ko kugendera ishure ryo kwimenyereza ryubakiwe abana b’abatwa bo ku musozi Ndava zone Maramvya muri Komine ya Muhanga "NDAVA good Hope Preschool" hamwe no kuraba imirima yarimwe n’ishirahamwe ASSEJEBA yongera arafasha kuyiteramwo imbuto z’ibiraya.

Uwaserukiye abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka b’abatwa Goreth BIGIRIMANa yashimiye ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi ku bikorwa bwama bukorera imiryango y’abatwa.

Goreth BIGIRIMANA yasavye iyo miryango y’abatwa yashingiranye imbere y’amategeko kubungabunga amasezerano yo kubakana basezaranye imbere y’amategeko.

Uwaserukiye musitanteri wa komine muhanga yamenyesheje ko intambwe iyo miryango y’abatwa ishitseko ishitse bari bayirindiranye igishika kuko ishize mu ngiro ivyasabwe n’ubushikirnganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yuko abantu babana biciye mu mategeko.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.