IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe FOLUCON-F risaba umuhuza guhagarika ubutumire bw’abaronderwa (...)

Ishirahamwe FOLUCON-F risaba umuhuza guhagarika ubutumire bw’abaronderwa n’ubutungane

mardi 14 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe ryishinze kurwanya akarenganyo n’akamwana wa mama FOLUCON-F risaba umuhuza guhagarika ubutumire bwahawe abantu bose baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi,inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka wa 2015.

Mw’itangazo ishirahamwe FOLUCON-F ryashize ahabona kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko rishimishwa n’utwigoro tw’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa mu gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe FOLUCON-F rimenyesha ko naho biri ukwo hari abatumiwe mu biganiro bitegekanijwe kuva kw’ig’nekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017,kandi baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Ishirahamwe FOLUCON-F risaba umufasha w’umuhuza mu biganiro bihuza abarundi Benjamin Mkapa kudakorera ku gitsure c’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,agafasha kandi kugira abaronderwa n’ubutungane bahagarikwe.

Ishirahamwe FOLUCON-F rirangiza iryo tangazo risaba Reta y’Uburundi kutitaba ibiganiro birimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi hamwe n’abaronderwa n’ubutungane,kandi ihagarike abagirizwa amabi.


IGIHE

Messages

  • tura gushigikiye igihe cose uburundi butazoba bushoboye guhana inkozi zikibi ntaho tuva ntaho tuja kuko uwariwe se atazobona kwivyashaka bitabaye azokora uko nabandi bakoze hace haba ibiganir ukwo nugusasira indava ikibi nanje ivyo nugira ngomba ndavyank duce dusubira arusha simbabeshe tuzookwama murivyo

  • inkozi y’ikibi yambere ni nkurumbi,

  • Uwomugabo muramuraba neza bamutware kwarojante!? erega vyama biza benuko, mbekobiyita ngobajejwe kurwanya akarenganyo, nabo aribo bajejwe gutsimbataza akarenganyo!, Emwe ubwubona hano mu Burundi hariho utwumiza, nkuwo nawe wikirwarudubi ahanutsehe?, ahubwo buri tegura kwiyambika ikamba mwizosi, abuvuga kobofatwa bakazanwa ngaha muburundi ngo bicwe ntabubona barya nabagabo bijunja nijambo, atarimwebwe umengo ntimwaciye nokwishure munanirwa nivyomuvuga! nenda huko, uribesha , umusi bazoza bazoza utangura kubafukamira ujakubasaba, nabuvya umengo, heraheza nawe.

  • Iyo nanga ya cndd-fdd iriko ivugira ibiki. Usanga ari aprodeh cg focode nyakuri. Ayo mashirahamwe yegamiye ubutegetsi ateye akagongwe. Ubu rero barahejeje kumutamika ivyavuga, aca aronka nuduhera. Cndd-fdd yaco winyegeza mukwanka ibiganiro ja ahabona wemange ko utabikeneye.Urebe gutuma Jacques Bigirimana cg Njangwa. Uwo mukenyuro wanyu urashaje.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.