IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe OLUCOME risaba ko ikori ryorihishwa hisunzwe ubutunzi (...)

Ishirahamwe OLUCOME risaba ko ikori ryorihishwa hisunzwe ubutunzi bw’umuntu

mardi 26 Nyakanga 2017

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kuwa 26 nyakanga 2017,iryo shirahamwe rivuga ko ibiharuro vyatanzwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Dr Domitien NDIHOKUBWAYO ata kuri birimwo ugereranije n’ibiharuro vyo mu myaka yahera kuko Reta isanzwe ifise ideni ry’ibice 94 % ku mafaranga yo hagati mu gihugu yategekanijwe gukoreshwa uyu mwaka wa 2017.

Kubwa OLUCOME itituka ry’amafaranga y’amarundi ku bice 72,9% kuva mu mwaka wa 2015 hamwe n’amahinguriro amw’amwe ya Reta nka BRARUDI atagishobora kwinjiza bishimishije kuko ata mahera y’agaciro aronka kugira akore ibikorwa vyayo, hamwe n’igisata c’igitoro gisigayemwo amashirahamwe abiri kare yahora ari 6.

Iryo shirahamwe ribona ko ari umugambi wa Reta wo kuba urategura abanyagihugu mu mugambi wimirije wo kuduza ibiciro ku bintu vyose.

OLUCOME ibandanya ivuga ko ibice 70 kw’ijana ry’uburyo Reta buva mu masoko ya Reta ariko bikunyurwa nuko ayo masoko ahabwa abantu bamwe bamwe kubera amafaranga baba batanze bigatuma bitaba mu muco ata n’ihiganwa ribanje kuba bigatungisha abantu bamwe.

OLUCOME irangiza isaba Reta y’uburundi gutegura neza uburyo Reta izokoresha mu mwaka wa 2018 kandi ko yoshira mu ngiro umugambi wo gutangisha itagisi hisunzwe ubutunzi bw’umuntu hamwe no kuduza ikori ku bakozi bakuru bakuru ba Reta, ikitaba kandi ibiganiro bidakumira hanze y’igihugu kugira hashobore kuboneka imfashanyo hamwe n’iterambere ku banyagihugu.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.