Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe OLUCOME risaba amakungu gufasha abarundi bari mu (...)
Ishirahamwe OLUCOME risaba amakungu gufasha abarundi bari mu bukene
vendredi 23 Ruheshi 2017
Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruheshi inyuma y’indwi imwe gusa habaye inama I Geneve ivuga ku gateka ka zina muntu mu Burundi,OLUCOME imenyesha ko indyane ziri mu Burundi zishingiye ahanini ku ntwaro,ivyo bigatuma hibonekeza ingaruka mbi mu bijanye n’imibano n’ubutunzi.
Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME risaba Reta n’amakungu gufata ingingo zishoboka zofasha kugira abanyagihugu b’abarundi baronke infashanyo zobafasha kwibeshaho mu vya nkenerwa vya minsi yose.
Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ryanezerejwe no kuba hari bamwe mu bafasha abarundi, bamenyesheje ko bagiye kwongereza infashanyo zishikira ku banyagihugu bonyene ubwabo.
MUGISHA Van Naris