IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe "ONLCT : Où est ton frère ?" rivuga ko urudandazwa rw’abantu (...)

Ishirahamwe "ONLCT : Où est ton frère ?" rivuga ko urudandazwa rw’abantu rugeze ku rugero runini

samedi 2 décembre 2017

Mw’itangazo Ishirahamwe "ONLCT : Où est ton frère ?" ryashikirije mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ubunyagano « esclavages »,usanzwe uhimbazwa imisi yose kw’igenekerezo rya 2 Kigarama,rimenyesha ko abantu 1673 mu mwaka wa 2015, abantu 824 mu mwaka wa 2016 n’abantu barenga 517 mur’uyu mwaka wa 2017 mu kwezi kwa Munyonyo guheze,aribo bajanywe nk’inyagano.

Prime MBARUBUKEYE arongoye "ONLCT : Où est ton frère ?" amenyesha ko ababangamiwe ari abantu ba ntahonikora, abakenyezi ahanini hamwe n’abakobwa ndetse n’abana.

Prime MBARUBUKEYE avuga ko bajanwa mur’ivyo bihugu vy’abarabu bagakorerwa amabi menshi nko gushurashuzwa ku nguvu, ibikorwa biruhisha cane, abana nabo bakajanwa mu ntambara, abadandaza ibiyayuramutwe, urudandaza rw’ibihimba vy’umubiri, n’ibindi.

Uwo arongoye ishirahamwe "ONLCT : Où est ton frère ?" avuga ko , urwo rudandazwa rw’abantu rwinjiza amafaranga menshi ashika imiriyoni 32 z’amadorari y’abanyamerika ku mwaka.

Ishirahamwe "ONLCT : Où est ton frère ?" risaba Reta gufata mu mugongo urwaruka rw’abigeme kwijukira amashuri ya kaminuza ikabafasha mbere no kubaronderera amakaminuza akomeye yo hanze kugira bareke kurondera kuja kuzera inze mu bihugu bibagira abaja.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.