IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe REGIDESO riramutswa abayobozi bashasha

Ishirahamwe REGIDESO riramutswa abayobozi bashasha

lundi 11 juin 2018

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO, Jeroboam NZIKOBANYANKA, yasubirijwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, inomero 100/ 059 ryo kuwa 6 Ruheshi 2018.

Abandi basubirijwe mu buyobozi bw’ishirahamwe REGIDESO, ni Eric MPAYIMANA yagenywe kuba umuyobozi mukuru w’umuyagankuba, hamwe na Fabrice NKURUNZIZA yagenywe kuba umuyobozi mukuru w’amazi.

Muri iryo tegeko kandi ry’umukuru w’igihugu, Charles KUMWAMI yagenywe kuba umuyobozi w’ubudandaji, Anatole NZINAHORA agenwa kuba umuyobozi ajejwe abakozi, mu gihe Bibiane BIZIMANA yagenywe kuba umuyozi ajejwe ubutunzi n’intwaro.

Ivyo bibaye mu gihe hari haheze iminsi abari muri sendika y’abakozi ba REGIDESO banditse bamenyesha ko hari isoko y’ivyuma biharura umuyagankuba uba wakoreshejwe yatanzwe hadakurikijwe amategeko, inyuma kandi y’iminsi mike hafashwe ibikoresho vya REGIDESO vyari vyibwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.