Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe RSF risaba abategetsi kureka abamenyeshamakuru bagakora mu (...)
Ishirahamwe RSF risaba abategetsi kureka abamenyeshamakuru bagakora mu mwidegemvyo
vendredi 9 février 2018
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF rimenyesha ko mu bisanzwe abarongozi b’intara ya Ruyigi batari gukurikirana ibikorwa vy’umumenyeshamakuru, kubera gusa avuze ibitabanezereza.
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF rimenyesha ko ingingo y’abarongozi b’intara ya Ruyigi ifise intumbero yo kubuza ibinyamakuru gukora, no kwaka agateka k’umunyagihugu w’umurundi ko kuronka amakuru.
Ishirahamwe RSF rivuga ko kumenyesha amakuru ata caha kirimwo, kuko abamenyeshamakuru atari abahungabanya umutekano w’igihugu, ariko ari abashikana ubutumwa.
Umumenyeshamakuru Jean Claude NSHIMIRIMANA wa Radiyo Isanganiro mu ntara ya Ruyigi yatumweko na buramatari w’intara Abdallah Hassan, kuwa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, inyuma y’inkuru yashikirije ko hari amafaranga yo guterera amatora ariko yakwa abigisha.
Buramatari w’intara ya Ruyigi Abdallah Hassan yavuze ko , mu nkuru yashikirije ,umumenyeshamakuru Jean Claude NSHIMIRIMANA yagomvye gusambura intara, ivyo badashobora kwihanganira.
MUGISHA Van Naris