IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe RSF risaba abategetsi kureka abamenyeshamakuru bagakora mu (...)

Ishirahamwe RSF risaba abategetsi kureka abamenyeshamakuru bagakora mu mwidegemvyo

vendredi 9 février 2018

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF rimenyesha ko mu bisanzwe abarongozi b’intara ya Ruyigi batari gukurikirana ibikorwa vy’umumenyeshamakuru, kubera gusa avuze ibitabanezereza.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF rimenyesha ko ingingo y’abarongozi b’intara ya Ruyigi ifise intumbero yo kubuza ibinyamakuru gukora, no kwaka agateka k’umunyagihugu w’umurundi ko kuronka amakuru.

Ishirahamwe RSF rivuga ko kumenyesha amakuru ata caha kirimwo, kuko abamenyeshamakuru atari abahungabanya umutekano w’igihugu, ariko ari abashikana ubutumwa.

Umumenyeshamakuru Jean Claude NSHIMIRIMANA wa Radiyo Isanganiro mu ntara ya Ruyigi yatumweko na buramatari w’intara Abdallah Hassan, kuwa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, inyuma y’inkuru yashikirije ko hari amafaranga yo guterera amatora ariko yakwa abigisha.

Buramatari w’intara ya Ruyigi Abdallah Hassan yavuze ko , mu nkuru yashikirije ,umumenyeshamakuru Jean Claude NSHIMIRIMANA yagomvye gusambura intara, ivyo badashobora kwihanganira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.