IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe Rainbow rimenyesha ko ata banga riri mu masezerano bafise yo (...)

Ishirahamwe Rainbow rimenyesha ko ata banga riri mu masezerano bafise yo gucukura ubutare

vendredi 6 Gitugutu 2017

Mu kiganiro kubamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu umuyobozi mukuru wa Rainbw Gilbert Midende amenyeshako ibisabwa vyose kugira bahabwe isoko ryo gucukura ubwo butare vyakwirikijwe kandi ko hakozwe n’ivyigwa kubijanye n’ingaruka ku bidukikije zohava ziyadukiza zitumwe n’iryo cukurwa ry’ubwo butare.

Gilbert Midende yavuze ati : “Ibisabwa vyose bijanye no gucukura ubwo butare vyarakwirikijwe kandi nta ngaruka bizotera haba ku magara y’abantu canke ibidukikije ,ihinguriro ryashize hafi y’ikiyaga Tanganyika mu Kabezi nta ngorane rizotera kuko amazi ahegereye atazonyobwa kandi ko ata mucafu uzotabwa mu kiyaga ”.

Uwo arongoye Rainbow Mining ashikiriza ko ibisigarira bizoba vyavuye mur’ico gikowa bizohinduka ivu rizokoreshwa mu gusubiramwo ibarabara ryaho i Mutambu.

Ku vyerekeye inyungu igihugu n’abanyagihugu bazokura mur’ico gikorwa ,Gilbert Midende avuga ko ico gikorwa kizotuma igihugu cinjiza amafaranga y’agaciro ari hagati y’imiriyoni 12 na 15 z’amadorare kuva mu mwaka uza wa 2018 kandi ko abantu bangana 400 baronkeye akazi ,amakomine nayo ariko arangurirwamwo ico gikorwa akazoronswa imw’imwe ibihumbi 15 vy’amadorare

Tubibutse ko ibikorwa vyo gucukura ubwo butare bizotangurira ku musozi wa Gasarwe muri komine ya Mutambu bikazomara imyaka ibiri imbere yuko bitandukira iyindi misozi y’iyo komine.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.