IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe UNIPROBA ryatanze ibikoresho vy’ishuri ku banyeshuri

Ishirahamwe UNIPROBA ryatanze ibikoresho vy’ishuri ku banyeshuri

jeudi 11 janvier 2018

Ivyo bikoresho vyari bigizwe n’umwambaro w’ishuri ku banyeshuri bo mu mashuri y’intango n’ayisumbuye, amakaye,ikaramu,uducamurongo, ibirato n’ibindi vya nkenerwa ku banyeshuri, vyahawe abanyeshuri 300 bo mu mashuri y’intango ni 100 bo mu mashuri yisumbuye.

Emmanuel NENGO arongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA avuga ko uwo mugambi wo gutanga ibikoresho ku banyeshuri bawushize mu ngiro, inyuma y’ubushakashatsi bakoze, basanga ishuri niryo ryo nyene ryofasha abatwa kuronka ivyo basaba Reta kandi bitanakiboneka.

Emmanuel NENGO,ati : « Twasanze kwigisha abatwa arivyo twoshira imbere,kuko naho boronka amatongo bahawe bataronka manini,ahubwo hakenewe ko biga kugira bigurire ayabo. »

Bitegekanijwe ko ico gikorwa kibandanya mu yandi makomine agize intara ya Bujumbura Rural nka Mukike hazoronka abanyenshuri 81, Mugongo Manga naho hakaronka abanyeshuri 170.

Mwomenya ko ivyo bikoresho vyabonetse ishirahamwa mpuzabatwa UNIPROBA ribifashijwemwo n’ihuriro Conference episcopale Italienne ry’abakatorika.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.