IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Abantu 20 bitavye Imana bahitanywe n’umwuzurira

Kenya : Abantu 20 bitavye Imana bahitanywe n’umwuzurira

jeudi 10 mai 2018

Ikinyamakuru lemonde.fr kimenyesha ko umuyobozi w’abaporisi bariko bakora ibikorwa vyo gutabara aho mu gace ka Solai ahubatswe urwo rugomero , yavuze ko igishobora kuba cayumye ayo mazi ata inzira, ari imvura nyinshi yaguye mu minsi iheze.

Uwo muyobozi mu giporisi, yavuze kandi ko amazi arimwo ivyondo yahitanye amazu mu gihe abantu bari baryamye, abantu bababa 36 nabo bajanwa mu bitaro, bibafashijwemwo n’umuryango utabara imbabare Croix Rouge.

Bivugwa ko bantu 150 nibo bamaze kwitaba Imana bahitanywe n’imyuzurira kuva imvura itanguye kugwa mu kwezi kwa gatatu, ariko Reta yamenyesheje kur’uyu wa gatatu, ko abantu 132, aribo bamaze kwitaba Imana harimwo n’abo bahitanywe n’amazi yavuye mu rugomero.

Mu kiringo ca mbere c’imvura co kuva mukwa cumi na rimwe n’ukwa 12 imvura ntiyabaye nyinshi, ariko mu gice ca kabiri imvura yabaye nyinshi muri Kenya, no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko kose.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.