IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > LDGL isaba ko ingingo yo guhagarika burundu Ligue ITEKA ihagarara

LDGL isaba ko ingingo yo guhagarika burundu Ligue ITEKA ihagarara

mardi 10 Nzero 2017

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu mu karere k’ibiyaga binini LDGL risaba abarongozi b’igihugu c’Uburundi guhagarika ingingo yo guhagarika burundu ibikorwa vy’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu mu Burundi Ligue ITEKA.

Mw’itangazo ishirahamwe LDGL ryashize ahabona kw’igenekerezo rya 5 Nzero 2017,iryo shirahamwe rimenyesha ko ingingo yo guhagarika burunu ishirahamwe Ligue ITEKA ifise intumbero yo kubuza kuvuga amashirahamwe na cane cane ayakorera mu gisata c’agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe LDGL risaba abarongozi b’Uburundi gufata ingingo zibereye zotuma abari mu mashirahamwe yahagaritswe gukora burundu mu gihugu,bumva ko ari abarundi nkabandi kandi ko batekanye.

Muri iryo tangazo ishirahamwe LDGL risaba kandi ko ivyavuye mu matohoza kw’izimangana ry’umupfasoni Claudette Kwizera yahoze ari umubitsi w’ishirahamwe Ligue ITEKA vyoja ahabona.

Ishirahamwe Ligue ITEKA ni irya gatanu ryahagaritswe burundu gukorera mu Burundi,inyuma ya APRODH,ACAT,FORSC na FOCODE.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.