IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > LDGL risaba Reta gukurikiranira hafi umutekano w’abarekuwe n’umukuru (...)

LDGL risaba Reta gukurikiranira hafi umutekano w’abarekuwe n’umukuru w’igihugu

jeudi 26 Nzero 2017

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu mu karere k’ibiyaga binini LDGL rimenyesha ko ingingo yo kurekura abapfungwa izofasha kugabanura igitigiri c’abapfunzwe mu mabohero.

Mw’itangangazo ishirahamwe LDGL ryashize ahabna, iryo shirahamwe rimenyesha ko rishimishwa n’ingingo y’umukuru w’igihugu y kurekura abapfungwa 2500,kuko iyo ngingo izofasha kugarukana icuka ciza mu miban na plitike mu gihugu.

Ishirahamwe LDGL risaba Reta y’Uburundi gushikiriza ijambo rizobafasha gusubira mu miryango yabo,rigasaba kandi Reta ko yokurikiranira hafi ibijanye n’umutekano wabo.
Muri iryo tangazo ishirahamwe LDGL risaba ko abahagarika abantu hatisunzwe amategeko bobibazwa.

Ishirahamwe LDG ryitaho agateka ka zina muntu mu karere k’ibiyaga binini riheza itangazo risaba abarundi kwakirana umutima w’urukundo abo bapfunguwe,nkuko vyamye bikorwa kuva kera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.