IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ligue ITEKA: Abantu 7 barishwe,15 barahohoterwa, 1 aburirwa irengero mu (...)

Ligue ITEKA: Abantu 7 barishwe,15 barahohoterwa, 1 aburirwa irengero mu ndwi imwe gusa

mercredi 1er Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA rimenyesha ko abantu 7 bishwe,15 barahohoterwa ,uwundi umwe aburirwa irengero mu kiringo kitarenga indwi imwe gusa,kuva kw’igenekerezo rya 23 gushika kurya 29 Nzero,umwaka wa 2017.

Nkuko biri mu cegerenyo c’ishirahamwe Ligue ITEKA,abagirizwa gukora ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu,ni bamwe mu bapolisi,bamwe mu basirikare na bamwe mu bakozi b’ibiro bikuru vy’igendereza.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe Ligue ITEKA rimenyesha ko ababangamiwe cane ari abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi.

Ishirahamwe Ligue ITEKA rivuga kandi ko ubutungane bw’Uburundi bukoreshwa na cane cane mu gihe haburanishwa imanza zifise intumbero ya politike,kuko iyo hakurikiranwa uwudashigikiye ubutegetsi akurikiranwa ariko k’uwushigikiye ubutegetsi bidakorwa naho yoba yakoze icaha gikomeye.

Mu kurangiza,ishirahamwe Ligue ITEKA,risaba Reta gucungerera umutekano abarundi bose,rigasaba amakungu gufasha kugira ibiganiro bihuza abarundi bibandanye mu maguru masha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.