IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Maramvya : Urwaruka rwemeye ko rugiye hamwe rushobora kwiteza (...)

Maramvya : Urwaruka rwemeye ko rugiye hamwe rushobora kwiteza imbere

lundi 19 mars 2018

Urwo rwaruka rumenyesha ko rwagiye hamwe rugashinga umurwi rwise “TWITEZIMBERE”,rutangura umugambi wo kuziganya no kuguranana, aho mbere rwanamenyesheje ivyo rwakoze mu myaka iheze mu migambi yo kwiteza imbere.

NIYIBIZI Dorcas umwe muri urwo rwaruka yavuze ati :” Mu mwaka uheze twari twagiye hamwe turafyatura amatafari atari make, naho tutungutse nk’uko twari tuvyiteze, ubu naho twaratanguje umugambi wo kuziganya no kuguranana kandi turavyizeye ko ata ntambamyi, dutegerezwa gutera imbere.”

NIYIBIZI Dorcas yarongeyeko avuga ko bafise icivugo kivuga giti :“Turwize umwimbu, akazi n’umwizero”, kandi ko ari muri uwo mwizero wabo bakeneye abagiraneza baza kuraba imigambi yabo yo kwiteza imbere bibaye ngombwa bakabafasha.

umukuru w’ishirahamwe ryiyemeje kugarukira ku bahuye n’ivyago RECOVI, GAHUNGU Cyriaque ,yari yagendeye umurwi TWITEZIMBERE kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Ntwarante 2018,yabateye intege mu kubaha bimwe muvyo yari yabemereye, yongera yiyemeza ko ishirahamwe arongoye rizokwama ribafata mu mugongo mu migambi yo kwiteza imbere.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.