IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Mbonimpa:’’ Ibiganiro vyonyene nivyo bizoheza indyane ziri mu (...)

Mbonimpa:’’ Ibiganiro vyonyene nivyo bizoheza indyane ziri mu gihugu’’

vendredi 17 Ntwarante 2017

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu n’ako abapfunzwe APRODH amenyesha ko kugira indyane za politike ziri mu gihugu zihagarare, Reta itegerezwa kwitaba ibiganiro.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Trialinternational.org kuwa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante ,umwaka wa 2017,Pierre Claver MBONIMPA yamenyesheje ko Uburundi bwaciye mu ndyane zitandukanye kandi zaheze kubera ibiganiro.

Pierre Claver MBONIMPA yabwiye ikinyamakuru Trialinternational.org ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU risa naho ridashoboye gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi, kuko ryarungitse ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, kandi abakuru b’ibihugu bose bo ku mugabane wa Afrika bafise ingorane imwe yo kudashaka kuva ku butegetsi.

Ku kibazo co kumenya nimba bakivugana n’abarundi bari mu gihugu mu gihe abaharanira agateka ka zina muntu batari bake bahunze igihugu, Pierre Claver MBONIMPA yabwiye ikinyamakuru Trialinternational.org ko bavugana babicishije ku buhinga ngurukanabumenyi aho batanga amasanamu yose akenewe y’ivyemezo ku biba vyabaye.

Umukuru w’ishirahamwe APRODH Pierre Claver MBONIMPA asaba abahunze igihugu kwihangana, akabasaba kudakoresha inguvu naho bari mu bihe bigoye kuko bishobora gutuma ibintu vyononekara gusumba.

Mu kurangiza, Pierre Claver MBONIMPA arongoye APRODH yibutsa abarundi bahunze igihugu ko ibiganiro vyonyene arivyo bizoheza indyane za politike ziri mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • Let N,ubund Itaravy Yicar Hamw Nab Batavug Rumw Indyan Ntizizokwiger Ziher Muburundi.

  • Mutama Nawe Uraciyumvira Reta Zamagaburanyama? Uwuzowatsa Uzomuzimirako .

  • Uko nukurota kuzuba ntabiganiro bizigera biba kuko ntandyane ziri muburundi.

  • Ubu Muragez Aho Mubwirimpunzi Ngo Ntizikoreshe Inguvu. Batarahunga Komwababwira Ngo Bakoreshe Inguvu Nyishi Zishoboka. Turaziko Atazigihari Kuko Inkoho Nkazose Bari Bafise Zarafashe Barabonyeko Bishoboka.

  • Mutama Rindira Muzogarukana Niwasubira Iyindi Coup D’etat .

  • ESE IMANA MUSHOBORAVYOSE YOTABARA UBURUNDI N’ABANA BAYO MAZE TWESE TUGASANGIRA AKABISI N’AGAHIYE,TUKAZOSIGA IRAGI RYIZA MUBACU NKA BASOKURU BACU IBRAHIMU,IZAHAKI NA YAKOBO.

  • Uwo mutama mugiye muri youtube mukareba ivyoyakavuze kuva imigumuko bayitanguje ntiwomenya kwariwe ariko aravuga ngo ibiganiro!
    Usubiyerero inyuma ukaraba ivyoyavuze waranonako bariniteguye kufata igihugu mumisi ibiri bakoresheje kudeta, canke bakagifata mumezi atandaru bakoresheje intambara.
    None uyimusi izinzirazose arabonye kozase aciye avugango ukwabinona ngontakindi turinsiriye twoshobora atari ibiganiro.
    Jewe rero rekandamworohereze ndakugiriye inama wokwitahira mugihugu cawe camavukiro kuko iniganiro mugihugu cu Burundi bizokwamaho ntibizokwigera bihera, kuko iniganiro vyazananye na democratie mugihe Incungu ya democratie Ndadaye umugambwe FRDEBU wiwewatsinda amatora kuvucogihe haciyehakomeza kuba ibiganiro mwarabonye kovyabandanije nukuruyumugambwe CNDD FDD vyarabereye mu Kayanza imbere yamatora yomuri 2010 none inyuma yamatora yomuri 2015 ibiganiro vyakwiye igihugu cose.
    Wamizehewe niwitahire canke uhitemwo Ko ubuzima usigaje kwiyisi uburangirize hanze yigihugu cawe, jewe bizombabaza kuko warihanganiye ivyaribikomeye mugihugu cawe vmugihecaheze ariko unanirwa kwihanganira ivyoroshe vyakinogihe!!!

  • Reka turabe Imana ibaye iradutiza ubuzima ko bitazohera kuko n’abandi vyaraheze ikibabaje nuko bihera nabi, umuntu ataco yafashije ahubwo yarononye nivyari bihari. Ubuntu, indero vyose vyarononekaye.
    Ubutungane, ntabwo, ubumenyi ntabwo, gusa domination, corruption, crimes, tortures, etc...ntawe vyereye, ntavyo turumva.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.