IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi yimosheje ubusage avuga bwari bubitse amadayimoni

Mkombozi yimosheje ubusage avuga bwari bubitse amadayimoni

mercredi 11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ifoto iriko ivugwa cane ni iya Mkombozi yimosheje ubusage canke ama dreadlocks. Ku rubuga rwiwe rwa facebook, Nzeyimana Thomas avuga ati : "Ejo umukozi w’Imana Bishop Rugagi ahejeje kumpanura gukurako imishatsi, nanje sinayinjiranye mu nzu naciye nja kuyikurako."

Muri ubwo butumwa nyene, Mkombozi arerekana ko ari mu rugamba rwo gutsinda amadayimoni.

"Hari igihe ibidayimoni vyihisha aho bizi ko atawuzohakora, nk’uko nanje ntashaka kuwimwesha, ariko simvuzeko ama dreadlocks arimwo amadayimoni ariko izanje zarimwo amadayimoni."

Ivyo Mkombozi abivuze inyuma y’aho atangarije ko agiye kuririmbira Imana no kuyikorera, mu nyuma agasohora n’ururirimbo yise "Mana Dutabare" ari narwo rwa mbere aririmbiye Imana.

JPEG - 58.7 ko
Thomas avuga ati : "Ejo umukozi w’Imana Bishop Rugagi ahejeje kumpanura gukurako imishatsi, nanje sinayinjiranye mu nzu naciye nja kuyikurako"

Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.