IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Natacha buca ashikiriza igikorwa yakoreye muri Uganda

Natacha buca ashikiriza igikorwa yakoreye muri Uganda

Thursday 16 November 2017, by Jean De Dieu

Video y’ururirimbo "Wangu" Natacha La Namba La Bamba yakoranye na Sheebah Kalungi, Umugandakazi buca ishirwa ahabona. Rapha abwira IGIHE ko kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo iyo vidéo yari imaze iminsi itera ibibazo ku bakunzi ba Natacha aho bavuga ko itevye kandi bari babwiwe ko itazoteba gusohoka, izoshirwa ku mugaragaro.

Rapha abandanya avuga ko ibirori vyo gushira ahabona vidéo ya ’Wangu’ bizoba birimwo kandi igikorwa co gutanga ubushimwe ku batamvyi bariko bahiganirwa gusubiramwo ururirimbo "Wangu". Nk’uko bitangazwa n’uwo muvugizi wa La Namba, ubushimwe buzohabwa uwa mbere n’uwa kabiri.

Tubamenyeshe ko ibirori vyo gushira ahabona iyo vidéo izoca ishirwa no ku murongo wa YouTube, bizobera mu Bunywero Campero kuva igihe c’isaha 20h30. Aba DJs nka Dj Mario na Dj Frankiss bazobica bicike. Kwinjira ni ku buntu eka n’ibinyobwa bizotangwa ku giciro gisanzwe, ibitari bimenyerewe muri ico kibanza.

Subira wumvirize "Wangu" imbere y’uko tubashikiriza vidéo


Cherif NKESHIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.