IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Natacha yaraye akuriye inkofero abakunzi biwe

Natacha yaraye akuriye inkofero abakunzi biwe

Saturday 18 November 2017, by Jean De Dieu

Inyuma y’igikorwa c’umuhinyanyuzi Naseem co gukora isanamu y’ururirimbo "Wangu", Natacha yashimye gushira k’umugaragaro iyo video imbere y’isinzi ry’abakunzi biwe.

Mu bunywero bwa Campero, kuva k’umuhingamo w’igenekerezo rya 17 Munyonyo hagorobeje uruja n’uruza rw’abantu barindiranye igishika umuzo w’umuririmvyi Natacha. Ica boneka mu nzira yinjira mu buywero cari igicapo kinini gicafyeko La Namba. Igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo ine n’itanu, Natacha, Frojo(umugabo wiwe) na Divine(avukana na La Bamba) barinjiye maze babanza gufata amafoto imbere ya ca gicapo, imbere yo gufata ikibanza bari bateguriwe.

Dj Mario na Dj Frankiss hamwe na Mc Gisa Stevo babandanije baryosha ibirori hamwe na karaoke imeze neza y’umurwi Ingo Msic Band. Inyuma y’umwanya muto, Gisa yatangaje ko igikorwa nyezina kigira gitangure, mu karuru kenshi, video irerekanwa k’umugaragaro.

Inyuma y’ico gikorwa, haanzwe ubushimwe kuri babaye aba mbre muri ryahinganwa ryo gutambaza neza wangu. Umurwi wa Black snakes ni wo wabaye uwa mbere maze Natacha abashikiriza ibahasha ry’ibihumbi amajana atatu, umurwi w’abigeme w’abaye uwa kairi waronkejwe ibahasha ry’ibihumbi amajana abiri, hamwe n’ibihumbi ijana vyatsindiwe n’umwana wo mu gihugu hagati batavuze izina.

La Namba yarangije abwira abamenyeshamakuru ko ahimbawe cane n’isinzi ry’abantu bari bitavye ico gikorwa. Ati:"Ndaryohewe cane no kubona abantu nkaba kuko ivyo nari niteze si vyo mbonye". Abandanya atia:" Akari imbere karahinda".

Raba aha munsi video y’ururirimbo "Wangu"


Cherif Nkeshimana

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.