IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > OLOCUME isaba reta y’Uburundi gushira k’uruhande imvugo za poritike (...)

OLOCUME isaba reta y’Uburundi gushira k’uruhande imvugo za poritike yitwararike abana bafungura nabi

Thursday 19 July 2018, by vianney

Mw’itangazo inomero 017/OLUCOME/07/2018 ryasohowe na OLUCOME kw’igenekerezo rya 19 Mukakaro 2018,umukuru waryo Gabriel RUFYIRI amenyeshako ibiharuro vyatororokanijwe n’ikigo ISTEEBU k’uburere bw’ubuvuzi 46 vyerekana yuko abana bafungura nabi kuva ku kwezi ubusa gushika ku mezi 59 bashika ku bice 57 kw’ijana ,abanyeporitike bakwiye guheba imvugo za poritike kugira bashire imbere gufasha iyo miryango isinzikajwe no gufungura nabi.

Gabriel RUFYIRI avuga ko iyo umuntu afungura nabi bituma agira ingaruka mu buzima bwiwe ndetse bigatuma n’igihugu gihahombera kuko abo bantu aribo bokeze ibikorwa kugira bateze imbere igihugu.

Muriryo tangazo Gabriel RUFYIRI asaba reta y’Uburundi kworohereza abanyamitahe hagati mu gihugu no hanze y’igihugu kugira ubutunzi bw’igihugu bwiyongere.


IGIHE

Forum posts

  • Ivyo biharuro nivyinshi cane kandi birababaje kuko nagahombo kanini ku gihugu muri kazoza.
    Ariko sukuvuga ko badafise ivyo kurya, ahubwo ni kamere mbi yo gufungura mu miryango .Ntibafungura bwa bwoko butatu abajejwe amagara yabantu bama babasiguriye.Dukwiye guhindura imigenzo tukama dufungurira abana imyuga yose kuko biriho hafi yacu.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.