IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME : "Hari amashirahamwe yiba abanyagihugu yinyegeje inyuma y’amategeko (...)

OLUCOME : "Hari amashirahamwe yiba abanyagihugu yinyegeje inyuma y’amategeko ya Reta"

lundi 19 Ruheshi 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kuri uno wa mbere igenekerezo rya 19 Ruheshi 2017, OLUCOME rigaruka kw’igurishwa ry’imyambaro zifasha kwerekana umuntu ico akora, aho amashirahamwe amwe abikoresha mu gusahura umunyagihugu muto muto.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta risaba Reta guhagarika urudandazwa rw’iyo myambaro (Jilets) kuko hari abayikika inyuma kugira bahohotere abanyagihugu n’abadandaza bato bato.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME risaba Reta kubandanya guhimiriza abanyagihugu ku bijanye no kuriha amatagisi, kandi igabanye amatagisi abadandaza batembereza ibidandazwa mw’ibarabara bariha mu makomine.

Mu kurangiza, ishirahamwe OLUCOME risaba umuhuza w’abarundi gufata ikibazo mu minwe, kuko abadandaza bato bato batabona aho bokwitura gushika ubu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.