Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba ishirwa mu ngiro ry’ingingo zikingira ubutunzi bw’igihugu
OLUCOME isaba ishirwa mu ngiro ry’ingingo zikingira ubutunzi bw’igihugu
jeudi 13 Mukakaro 2017
Muri iryo kete ry’Ishirahamwe OLUCOME,ryatewe umukono n’umukuru waryo Gabriel RUFYIRI,OLUCOME rirashima kuba mu nama yatunganije yaragarutse kuvyo iryo shirahamwe ryama risaba ko vyotunganywa mu bijanye no kwegeranya amafaranga y’igihugu.
Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko isesagurwa ry’ubutunzi bw ‘igihugu rikorwa kandi mu bindi bice,harimwo igisata c’amatongo n’ibidukikije,aho hibonekeza ibibanza vyategerezwa gukorerwamwo uburimyi bitangwa kugira vyubakwemwo,mu gihe abarundi barenga 90 kw’ijana ari abarimyi.
Muri iryo kete,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko hageze ko hafatwa ingingo zibuza kwubakwa mu bibanza vyagenewe uburimyi ,hagakosorwa kandi amakoza amaze gukorwa atawe bahengamiyeko.
- Gabriel RUFYIRI arngoye ishirahamwe OLUCOME
Ishirahamwe OLUCOME rigasaba ko inama nkenguzamateka yoshiraho umurwi w’abakenguzamateka wokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo zafashwe mu gutorera inyishu ico kibazo,rikiyemeza kandi kwama ryibutsa uko amezi atatu aheze.
MUGISHA Van Naris