IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba ko icukurwa ry’ubutare riba mu muco

OLUCOME isaba ko icukurwa ry’ubutare riba mu muco

jeudi 23 Ntwarante 2017

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gushira inguvu mu kwijira mu masezerano agenga icukurwa ry’ubutare ribaye mu muco.

Mw’ikete umukuru w’ishiurahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI yandikiye umushikiranganji w’ubutare n’agataka, arashima aho intambwe yo kwinjira mu masezerano yo gucukura ubutare mu muco igeze.

Muri iryo kete, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME asaba ko iyinjira muri ayo masezerano ryoba mu maguru masha, kuko bitabaye ukwo icukurwa ry’ubutare buri ku butaka bw’uburundi rishobora kuba intandaro y’indyane, aho kuba isoko ry’ubutunzi.

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko,uko Uburundi buteba kwinjira muri ayo masezerano, ariko abanyagihugu bataronka akarusho ngo basabikanye ibivuye mu butaka bw’igihugu.

Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko mu gihe Uburundi ata nkeka, ubutunzi bw ‘igihugu bushobora kwisanga buri mu karwi k’abantu bamwe bamwe, mu gihe bwategerezwa gusabikanywa n’abarundi bose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.