Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba ko icukurwa ry’ubutare riba mu muco
OLUCOME isaba ko icukurwa ry’ubutare riba mu muco
jeudi 23 Ntwarante 2017
Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gushira inguvu mu kwijira mu masezerano agenga icukurwa ry’ubutare ribaye mu muco.
Mw’ikete umukuru w’ishiurahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI yandikiye umushikiranganji w’ubutare n’agataka, arashima aho intambwe yo kwinjira mu masezerano yo gucukura ubutare mu muco igeze.
Muri iryo kete, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME asaba ko iyinjira muri ayo masezerano ryoba mu maguru masha, kuko bitabaye ukwo icukurwa ry’ubutare buri ku butaka bw’uburundi rishobora kuba intandaro y’indyane, aho kuba isoko ry’ubutunzi.
Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko,uko Uburundi buteba kwinjira muri ayo masezerano, ariko abanyagihugu bataronka akarusho ngo basabikanye ibivuye mu butaka bw’igihugu.
Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko mu gihe Uburundi ata nkeka, ubutunzi bw ‘igihugu bushobora kwisanga buri mu karwi k’abantu bamwe bamwe, mu gihe bwategerezwa gusabikanywa n’abarundi bose.
IGIHE
Messages
23 Ntwarante 2017, 16:08, par tari
Gabriel nu mugabo n umugore numugabo yohoweee numugabo wintwari numugabo komeraaaaa uburundi dukeneye abantu nkawe
24 Ntwarante 2017, 02:02, par Masabo philber
Tekana Rufyiri abahari barazi ivyo bakora si wewe uza kubibigisha gucukura
24 Ntwarante 2017, 19:32, par Nema
None Wewe Nabo Murikumwe Ko Murajwe Ishinga Na Ma Coup D ’etat Gusa ! Tekereza Rufyiri Uzoba Urarya . Ba Ura Guma Mu Bubirigi