IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta kuriha amadeni risaba ku mwanya

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta kuriha amadeni risaba ku mwanya

Thursday 21 June 2018, by vianney

Mw’itangazo inomero 13/OLUCOME/06/2018,OLUCOME yashize ahabona ,Gabriel RUFYIRI arirongoye amenyesha ko igiteye impungenge atari gusaba amadeni ariko ikibazo ari gusaba ideni udashoboye kuryishura, kuko ideni reta yaka ata nyungu ritanga bigatuma ubukene buguma bwiyongera mu gihugu.

Gabriel RUFYIRI avuga ko mu cegeranyo bafise Reta itishura bimwe bishemeye amadeni kuko itanga 20 kw’ijana kuri buri gice iba yasavye bigatuma ideni riguma ryiyongera, kuko akarusho gatangwa kubera gucerwa kuriha ideni kiyongera ku mwaka ku mwaka.

Uwo mukuru wa OLUCOME avuga kandi ko ideni ryo hagati mu gihugu Reta ifise ubu risumba iryo mu myaka 40 yahera gushika mu mwaka wa 2009 kuko ringana n’imiriyaridi 1500 z’amafaranga y’amarundi .

Gabriel RUFYIRI avuga ko iryo deni ari umuzigo Reta iriko iraremereza urwaruka rw’ejo kuko ari rwo ruzoririha mu gihe ruzoba ruhanzwe n’ibindi bibazo.

Mu guheraheza Gabriel RUFYIRI asaba Reta y’Uburundi kuriha abayiha amadeni batandukanye ku mwanya, kugira bifashe kugwiza umwimbu mu gihugu hamwe no gusaba amadeni atuma agira akunguko ku banyagihugu.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.