IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME imenyesha ko ata mwumvikano wabaye mu kwemeza canke guhakana (...)

OLUCOME imenyesha ko ata mwumvikano wabaye mu kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro

lundi 18 décembre 2017

Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umufasha w’umuhuza William Benjamin Mkapa, iryo shirahamwe rimenyesha ko ryaguye mu gahundwe ryumvise ko kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, hatanguzwa isekeza ryo gusigura ibigiye guhinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ridashimishwa no kubona uruhande rwa Reta rutabicishije mu biganiro bitunganywa, rikabonako igikorwa co kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ari uguhonyanga umwumvikano washitsweko mu biganiro bigira kane vyabereye i Arusha, ikaba kandi n’inzira idahumuriza ku Burundi.

Muri iryo kete, Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko ritangazwa no kubona hari ukwihutira guhindura ibwirizwa nshingiro, mu gihe hari ibindi bibazo bikomeye bihanze abarundi, rigatangazwa kandi no kuba ata bandi bantu bazi ibiri mw’ibwirizwa nshingiro rishasha atari abarongozi b’umugambwe CNDD-FDD.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’Ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME risaba ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,kugabisha umuntu canke ishirahamwe rishikiriza ibinyoma ku bijanye n’ibiganiro vyabereye hanze.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.