IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba umukuru w’igihugu guhagarika ingingo yo kurihisha abasubiramwo (...)

OLUCOME isaba umukuru w’igihugu guhagarika ingingo yo kurihisha abasubiramwo ikibazo ca Reta

vendredi 22 décembre 2017

Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umukuru w’igihugu riterwako umukono na Gabriel RUFYIRIarongoye OLUCOME, kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2017,iryo shirahamwe rimenyesha ko insiguro umushikiranganji w’indero yatanze zituma hatangishwa ayo mafaranga zidafashe, bisunze ko Uburundi ari igihugu icivugo c’ubumenyi kuri bose.

Muri iryo kete,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ridatahura ingene umushikiranganji ashobora kurihisha amafaranga, kandi amategeko agenga ivyo kuriha amakori n’amatagisi atabimurekurira.

Ishirahamwe OLUCOME rimemyesha kandi ko ryisunze ubukene burangwa mu gihugu,bigoye mbere bitanashoboka ko munyeshuri yitegurira gusubiramwo ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza yoronka amafaranga ibihumbi 50 asabwa.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME risigura ko hamwe iyo ngingo igumyeho, hari abanyeshuri bazosanga batswe akaryo bari bafise ku kubandanya amashuri ya kaminuza, kandi ari umugambi wa Reta wo gutanga ubumenyi kuri bose.

Ivyo ishirahamwe OLUCOME ribisavye, mu gihe kw’igenekerezo rya 4 kigarama 2017, Umushikiranganji w’indero, n’inyigisho za kaminuza Janviere NDIRAHISHA yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe, kuko abanyeshure benshi bahora biyandikisha kugira basubiremwo ico kibazo bataja kugikora bigatuma Reta ihahombera mu gihe buri mwaka uburyo Reta ikoresha buguma bwiyongera.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.