IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME yashikirije ivyofasha gutorera inyishu ikibazo c’igitoro (...)

OLUCOME yashikirije ivyofasha gutorera inyishu ikibazo c’igitoro n’umuyagankuba

vendredi 9 Ruheshi 2017

Mw’itangazo ry’Ishirahamwe OLUCOME ryo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017,ishirahamwe OLUCOME risaba ko Reta yokwubaka ingomero z’umuyagankuba zofasha kurwiza umuyagankuba,kuko bitumvikana ingene nk’igihugu ca Misiri kitabura umuyagankuba kandi gifise amazi make kuyo dufise mu Burundi.

Mu gutorera inyishu ikibazo c’ibura ry’igitoro,ishirahamwe OLUCOME risaba Reta ko yogabanura amakori atangwa ku gitoro cinjira mu Burundi ,igacisha kandi ico gitoro mu nzira yo mu mazi kuko ariho bitwara uburyo buke.

Muri iryo tangazo ishirahamwe OLUCOME risaba kandi ko hoba icungerwa ry’ingene amafaranga y’agaciro adandazwa, abantu kandi bakabaho bisunze uburyo igihugu gfise, bakareka gushaka kubaho mu buryo burengeje igihugu kidafise.

Kuri ivyo bibazo vyose, umushikiranganji w’amasoko ntnganguvu,ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA abicishije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa gatatu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2017, yavuze ko ivyo bibazo bigiye gutora inyishu, ariko aca amenyesha ko igiciro c’umuyagankuba kigiye kuduzwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.