IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM : Kumenya uko igihugu cifashe vyotuma urwaruka rutagirwa ikiraro (...)

PARCEM : Kumenya uko igihugu cifashe vyotuma urwaruka rutagirwa ikiraro n’abanyeporitike

vendredi 11 Myandagaro 2017

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 11 myangadagaro 2017,umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyeshako mu gihe buca hahimbazwa umusi mukuru wahariwe urwaruka, ko bagiye gufasha urwaruka kugira ruhindure ingendo rushobore kwigenga mu vyo rukora .

Umukuru wa PARCEM yavuze kandi ko bazofasha urwaruka kumenyekanisha ivyo bakenera ,hamwe no guhimiriza abanyeporitike n’abajejwe intwaro kugira bashobore gutorera inyishu ibibazo bihanze urwaruka rwo mu gihugu.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko izo nyigisho bagiye gutanga zizofasha urwaruka kuvavanura guhendwa n’abanyeporitike, kugira rushobore kwigenga mu vyo rukora kuko umusi waruhariwe buca uhimbazwa .

Igihugu c’Uburundi kiri muri bitatu vyanyuma bikenye kw’isi kandi 75 kw’ijana vy’abanyagihugu b’Uburundi ari urwaruka, 65 rwo mugisagara ca Bujumbura ,na 55 kw’ijana rwo hagati mu gihugu ata kazi rufise.

Faustin NDIKUMANA yavuze ati : “Buca hahimbazwa umusi wahariwe urwaruka 75 kw’ijana vy’abarundi ari urwaruka kandi 65 kw’ijana rw’I Bujumbura na 55 kw’ijana rwo hagati mu gihugu bose ata kazi bafise, bigatuma bagirwa ikiraro n’abanyeporitike.

Mwomenya ko umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka wama uhimbazwa igenekerezo rya 12 myandagaro buri mwaka,mu Burundi uwo munsi uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 18 Myandagaro 2017, mu ntara ya Kirundo.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Noneko akazi kovuye muburimyi uburimyi bukaba bwaribagiwe akazi kazova hehe? Ikindi urwaruka ruhanze amaso nibamenyere kwibako arikwikiraro.nuburimyi jewe narashize urwaruka muri kooperative ndongoye nabahaye naho barima kubuntu.ariko ntibagira.imbuto irobanuye nifumbire harimwo nabamaze amashuri ayo mashirahamwe avugako afashigihugu nibabahe umutahe muburimyi mfise 138ha kumwaka hoboneka umwimbu urenga amatoni.igihimbi hakoreshejwe.ubuhinga jewe nama natanze intererano.yivyiyumviro vyotuma ubukene bugabanuka ariko ntihagire uwuntahura.kandi nabihishuriwe ni MANA murambaza nzobasigurire tête 79928549/ 69039687 sitewb www.cpsburundi.org

  • Ndikumana iyo uriko uravuga ekonomi ndakumva kandi bikanezera mumvugo urikurabivuga mugabo kutaza kuri tête jewe ndumurimyi kandi kandi nabigizumwuga ariko uravye aho.naringeze.narinkIye gushigikirwa kuko nahakazi abantu barenga ijana kumunsi cawiyumvira abo bantu usanga bafise imiryango.batunze none mubihugu vyubugaragwa kwatanzara.iriyo nka izirayeri ejibuti tirikiya kuko naragiyeyo ikibazo bituvako abarundi turabanebwe abenshi bagomba kubaho batavunitse hagezaho umuntarima abandi.basoroma ivyo batabiriyicuya uravye inguvu ziri mukubakamazu nahorimwe twitegingorane zirimbere kunzara jewe ndarajwe ishinga nukwabarundi twova mungorane turimwo ziva kubushomeri dukwiye guhinduringendo murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.