IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM yashize ahabona ibitarakorwa mu gikorwa co guterera y’amatora

PARCEM yashize ahabona ibitarakorwa mu gikorwa co guterera y’amatora

mardi 20 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2018, Faustin NDIKUMANA , arongoye ishirahamwe PARCEM
yamenyesheje ko bimwe mu bitarakorwa ari nk’ibijanye no kumeyesha agaciro ayo matora azotwara,kumenya amafaranga Reta izotanga muri ico gikorwa hamwe n’uko urwego rutunganya neza ibijanye n’ayo mafaranga agenewe amatora gushika ubu rutazwi.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga kandi ko n’itegeko rigenga ikonte ayo mafaranga ajako ritazwi hamwe n’umuntu ajejwe kuyakwirikirana ataramenyekana.

Faustin NDIKUMANA avuga ko vyari kuba vyiza bigenzwe n’itegeko, kuko ariryo ryosigura vyose uko vyogenze.

JPEG - 41.1 ko
Faustin NDIKUMANA, Umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Faustin NDIKUMANA yavuze ati : “Warinze uvyandika ukabishira mw’itegeko wobikora hanyuma abantu bagaheza bakagira ico bashikirije, ingorane zaba na bariya zikumvikana,baze barakosora ivyo vyose kugira ico gikorwa kigende neza gusumba.

Naho hari ibiri mw’itegeko nshikiranganji riraba ibijanye n’intererano y’amatora, Faustin NDUKUMANA avuga ko kwisunga ivyanditse mu gihugu bigoye kuja mu ngiro.

Ishirahamwe PARCEM ritera akamo ababijejwe bose, gukora amategeko hamwe n’ivyanditse vyubahirizwe, kugira bishobore kuzana icuka ciza mu gihugu.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.