IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: 10 barakomeretse, 8 basinzikarizwa agateka mu kiringo (...)

SOS-Torture: 10 barakomeretse, 8 basinzikarizwa agateka mu kiringo c’indwi

lundi 7 Myandagaro 2017

Muri cegeranyo isekeza SOS-Torture ryama risohora ku ndwi, SOS-Torture rimenyesha rigaruka ku mishamirano yabaye hagati y’abapfungwa n’abajejwe umutekano mw’ibohero rikuru rya Rumonge.
Nkuko biri muri ico cegeranyo, n’imiburiburi abantu 10 barakomeretse bakomerekejwe n’amasase yarashwe n’abaporisi, muri abo hakaba harimwo colonel Adrien KADENDE yakomeretse cane.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko agateka kahonyanzwe ku bantu umunani muri ico kiringo, muri abo bamwe bahagaritswe hadakurikijwe amategeko, abandi barahohoterwa.
Muri ico cegeranyo kandi isekeza SOS-Torture riragaruka kw’ihagarikwa rya Germain RUKUKI umunywanyi w’ishirahamwe ACAT Burundi, apfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.