IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS Torture : 4 barishwe, 36 barahagarikwa mu kiringo c’indwi (...)

SOS Torture : 4 barishwe, 36 barahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe

lundi 16 avril 2018

Icegeranyo c’isekeza SOS-Torture kimenyesha ko muri abo bapfuye, harimwo umusirikare w’igihugu yiyhuye mu ntara ya Bubanza, ahejeje gufata ku nguvu umwana w’umwigeme.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rimenyesha ko umukozi w’ishirahamwe rihingura isima BUCECO yaburiwe irengero, inyuma yaho imodoka yarimwo itowe mu muvo uri hagati y’amabarabara abiri, kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, mu gisagara ca Bujumbura.

Isekeza SOS-Torture rimenyeshako mu bahagaritswe muri ico kiringo, harimwo abayoboke b’umwigeme Zebiya, mu ntara ya Bubanza, hamwe n’abayoboke b’umugambwe FNL utavuga rumwe na Reta,mu ntara ya Rumonge na Makamba.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa rya Gilbert NYAWAKIRA , arongoye urunani rw’amasendika nabo bari kumwe, mu Carama, zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, naho bahavuye barekurwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.