IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 11 barishwe, 3 barahagarikwa mu kiringo (...)

SOS-Torture : Abantu 11 barishwe, 3 barahagarikwa mu kiringo c’indwi

lundi 9 avril 2018

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, muri abo 11 bitavye Imana, harimwo babiri bapfuye mu gitero ca gerenade mu ntara ya Gitega, hamwe n’abana batatu boba bishwe na se wabo, mu ntara ya Kirundo, imbere y’uko nawe yiyahura.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi, ku rubanza rwa Germain RUKUKI yigeze kuba akorera ishirahamwe ACAT ryahagaritswe na Reta, akaba yasabiwe gupfungwa ubuzima bwose.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rigaruka kandi ku mukobwa yafashwe ku nguvu n’abigisha babiri bo ku mutumba Nyakuguma, komine Gitanga, intara ya Rutana, kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2018.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’itegeko rya buramatari w’intara ya Bururi, ribuza urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD kugira ikarashoshi rwitwaje inkoni, aho amenyesha ko bari mw’ikarashishi ata ruhigi baba bariko barakora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.