IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 11 barahagaritswe, 2 barasinzikarizwa ubuzima mu (...)

SOS-Torture : Abantu 11 barahagaritswe, 2 barasinzikarizwa ubuzima mu kiringo c’indwi

lundi 15 janvier 2018

Nkuko biri mu cegeranyo ca SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, muri abo 11 bahagaritswe harimwo ahanini abayoboke b’umushingamateka RWASA Agathon bafatiwe mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko abo bayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA bahagarikwa bagirizwa kuba bariko bigisha abanyagihugu kudatora ibwirizwa nshingiro.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku rupfu rw’umunyagihugu ava mu gihugu c’Urwanda,kuwa kane igenekerezo rya 11 Nzero 2018, muri komine Mabayi,arashwe n’abasirikare igihe yariko ajabuka yinjira mu Burundi.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku buryo abahagarikwa mu ntara ya Rumonge bapfungwamwo, aho rimenyesha ko abenshi muri bo bapfungwa ata dosiye bafise, bigatuma bapfungwa ari benshi, mu kibanza gito.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.