IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: Abantu 5 barishwe, 128 barahagarikwa mu kiringo (...)

SOS-Torture: Abantu 5 barishwe, 128 barahagarikwa mu kiringo c’indwi

Monday 22 January 2018

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo batanu bishwe, harimwo umukenyezi n’umwana wiwe, bsbs mu ntara ya Kirundo, bapfuye batewe gerenade, hakabamwo kandi umunyororo yapfiriye mu ntara ya Muyinga.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abayoboke b’umuhari katorika Marial muri quartier ya Gasanda, mu ntara ya Ruyigi, aho abashika 90 bahagaritswe mu gihe bariko basenga mu masaha y’ijoro.

Muri ico cegeranyo , isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku bana babiri bo k’umutumba Nyamabere mu ntara ya Bubanza, aho uwitwa Elias NYANDWI yahamvye abana babiri babona, isekeza SOS-Torture rimenytesha ko uwagirizwa atarahagarikwa.

Isekeza SOS-Torture rigaruka kandi lkw’ihagarikwa ry’abanyagihugu ba Tanzaniya mu ntara ya Rumonge, bagirizwa kugira umugirwa wo kubandwa, SOS-Torture rimenyesha ko batari gufatwa kandi bagapfungwa kuko umwe wese afise ubwigenge mu kwemera.


MUGISHA Van Naris

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.