IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 6 barishwe, 7 basinzikarizwa ubuzima mu kiringo (...)

SOS-Torture : Abantu 6 barishwe, 7 basinzikarizwa ubuzima mu kiringo c’indwi

lundi 27 novembre 2017

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture abo bishwe bamwe batowe ibiziga mu ruzi Rusizi muri komine Buganda, intara ya Cibitoki, batatu muri abo bakaba batashoboye kumenyekana.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku bana babiri umwe w’imyaka itanu, uwundi w’imyaka icenda baciwe ibikonjo, muri komine Itaba , intara ya Gitaga, bagirizwa kuba bivye ibigori mu murima.

Muri ico cegeranyo isekeza SOS -Torture rigaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abanywanyi batandatu b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Karusi, inyuma yo gushamirana n’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa rya Nestor NIBITANGA yahoze arongoye ishirahamwe APRODH mu ntara ya Gitega, aho yahagaritswe n’abajejwe umutekano, yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.