IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 8 barishwe, 5 bakomerekera mu bitero vya Gerenade mu (...)

SOS-Torture : Abantu 8 barishwe, 5 bakomerekera mu bitero vya Gerenade mu kiringo c’indwi

lundi 18 décembre 2017

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture gisohoka ku ndwi, mu bantu umunani bishwe, harimwo ibiziga bibiri vyatowe bireremba ku ruzi Rusizi,muri komine Buganda,intara ya Cibitoki, hamwe n’ikiziga c’umukobwa catowe muri komine Mugamba,intara ya Bururi.

Muri ico cegeranyo,isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kuri gerenade yatewe muri zone Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura ikomeretsa abantu babiri, naho igiporisi c’Uburundi kitashoboye kumenya abateye iyo gerenade.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa rya Paul NINGANZA,umugenduzi mu ntara w’amashuri nshingiro n’ayakurikira nshingiro, uwo nawe akaba yahagarikiwe ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2017.

Muri ico cegeranyo kandi, isekeza SOS-Torture riragaruka kw’ihagarikwa rya Rogatien SERUFYIRI,umuyoboke w’umushingamateka Agathon RWASA, akaba yahagaritswe yagirizwa guhungabanya inzego.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.