IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu babiri barishwe, 14 bahagarikwa hadakurikijwe (...)

SOS-Torture : Abantu babiri barishwe, 14 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko

lundi 8 janvier 2018

Mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, iryo sekeza rimenyesha ko mu bantu babiri bishwe mu kiringo c’indwi, harimwo uwishwe yagirizwa kuba ari umusuma.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abayoboke umunani b’umushingamateka Agathon RWASA, muri komine Ntega, intara ya Kirundo, igihe bariko basangira inyobwa ku rugo rw’uwitwa MUGISHA Samuel.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abajejwe umutekano bahavuye bahagarika abayoboke b’umushingamateka RWASA Agathon, mu gihe abo umugambwe CNDD-FDD bobo bagumye bidegemvya.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’umugabo azwi kw’izina rya Sefu NDAYISHIMIYE mu ntara ya Cankuzo, kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2018.

Kubwa SOS-Torture,Sefu NDAYISHIMIYE yahagaritswe yagirizwa gukorana n’umurwi w’itwaje ibirwanisho mu Rwanda, mu gihe yari yaje gutora impapuro z’umwana kuri komine, aca ajanwa mw’igendereza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.