IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: 2 barishwe,13 barakomereka mu kiringo c’indwi imwe

SOS-Torture: 2 barishwe,13 barakomereka mu kiringo c’indwi imwe

lundi 24 Mukakaro 2017

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture Burundi, abantu 13 bakomeretse,muri abo abashika 10 bahitanywe n’ibitero vya gerenade vyabaye mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Muri ico cegeranyo,isekeza SOS-Torture Burundi riragaruka kandi ku buryo abanyororo bapfunzwemwo, aho kigaruka ku bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi n’abagirizwa urupfu rwa Gen Adolphe NSHIMIRIMANA.

SOS-Torture Burundi rimenyesha ko inyifato y’umukuru w’ibohero ari inyuma y’ukutumvikana kuri hagati y’abapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega,ibishobora gutuma haba ingaruka mbi ku mibano hagati y’ abapfungwa.

Isekeza SOS-Torture Burundi riragaruka kandi ku rupfu rwa Pascal GAHITIRA yaba muri zone Muriza, komine Butaganzwa,intara ya Ruyigi,yishwe n’abantu bitwaje imipanga kw’igenekerezo rya 19 mukakaro 2017,ariko igiporisi kikaba kitashoboye kumenya no guhagarika abakoze ubwo bwicanyi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.