IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-torture:Agateka ka zina muntu karahonyanzwe mu mezi atatu (...)

SOS-torture:Agateka ka zina muntu karahonyanzwe mu mezi atatu aheze

mardi 1er Myandagaro 2017

Nkuko biri mu cegeranyo ca SOS torture , abantu bashika 169 barahagaritswe hadakurikijwe amategeko, 5 barahagarikwa ku mvo zidasiguritse, 50 bahakwa kwakwa ubuzima, abantu 13 nabo barasinzikarijwe ubuzima ,abagore 20 barafashwe ku nguvu abantu 5 nabo baburirwa irengero.

Ico cegeranyo c’isekeza SOS-Torture kimenyesha ko mu basinzikarijwe agateka, , 24 ari abanywanyi b’imigambwe itavugarumwe na Reta, bakaba bava mu migambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA,umugambwe MSD n’umugambwe UPRONA utemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ico cegeranyo kigaruka kandi kw’itegeko nshikiranganji ryashikirijwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane ryo kuwa 17 rusama 2017 ryerekeye kurekura ibikorwa vyo gusaka mw’ijoro atan’uruhusha rwo gusaka rurinzwe kwerekanwa, isekeza SOS-Torture rikamenyesha ko bizotuma agateka ka zina muntu gahohoterwa kurusha uko vyahora.

Mu kiringo ca mezi atatu aheze SOS-torture bamenyesha ko caranzwe n’ihagarikwa hakoreshejwe inguvu ry’abanyeshure baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi , basaba ko itegeko ry’umukuru w’igihugu risubiramwo agafashanyo abanyeshure ba kaminuza basanzwe baronka, ryobangirwa kwemezwa kuko ryoza risubiza inyuma ubuzima bwabo kuko basanzwe bafise amikoro make.

Ico cegeranyo ca SOS torture kirangiza gisaba Reta y’uburundi guhagarika umugambi w’itegeko ryo gukora ibikorwa vyo gusaka mw’ijoro hamwe no gushiraho ubutungane bukwirikirana ivyaha bikorwa kugira bihanwe.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.