IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ubushikiranganji bw’imigenderanire busaba ishirahamwe OIF gusubira gufasha (...)

Ubushikiranganji bw’imigenderanire busaba ishirahamwe OIF gusubira gufasha Uburundi

mardi 21 Ntwarante 2017

Umwunganizi w’umushikiranganji w’im,igenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Jean de Dieu NDIKUMANA asaba ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bivuga ururimi rw’Igifaransa OIF gusubira gufasha Uburundi.

Mw’ijambo yashikirije mu gihe Uburundi bwifatanya n’ibindi bihugu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi rw’igifaransa kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Ntwarante,umwaka wa 2017, Jean de Dieu NDIKUMANA yamenyesheje ko imvo za politike zidashobora gutuma ishirahamwe OIF rihagarika gufasha Uburundi.

Jean de Dieu NDIKUMANA yavuze ko ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bivuga igifaransa OIF ryaharitse infashanyo zaha igihugu c’Uburundi, gushika naho ridashigikira umunsi mukuru mpuzamakungu wahimbarijwe mu Burundi.

Naho biri ukwo, umwunganizi w’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje ko Uburundi bukiri mu bihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, kandi rugakoreshwa mu bisata bitandukanye vy’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.