IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > "Umusi amasezerano y’i Arusha yateweko umukono ni ntibagiranwa ku (...)

"Umusi amasezerano y’i Arusha yateweko umukono ni ntibagiranwa ku Burundi"

lundi 28 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Myandagaro 2018,inyuma y’imyaka 17 hashizweko umukono ku masezerano ya Arusha, Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM yavuze ko ayo masezerano ariwo mushinge wonyene abarundi bafise kugira bagume bafatanye mu nda.

Faustin NDIKUMANA umuyobozi wa PARCEM avuga ko amasezerano y’i Arusha yibutsa ko Abarundi bamye baca mu biganiro kugira batorere inyishu ibibazo bafise kandi ko uruhara amakungu yaterereye nko gutanga umuhuza wijunja n’ijambo nka Nelson Mandela, vyerekana ko Uburundi bwahawe agaciro kandi vyerekana umutima amakungu yarafitiye Uburundi.

JPEG - 84.9 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Faustin NDIKUMANA avuga kandi ko iryo genekerezo ryibutsa buri muntu ibintu nyamukuru ayo masezerano yazanye, nk’ibijanye n’inzego z’umutekano zihurikiyemwo bose,gusangira ubutegetsi,gusubira mu matora ariyo ntwaro rusangi hamwe no gusubiza hamwe kw’abarundi.

Muri Parcem bavuga kandi ko ayo masezerano y’i Arusha akwiye kubera icigwa urwaruka,rukamenya ko twinjiye mu nzira y’amahoro atacotuma rero ruza rurahendwa rukoreshwa ku nyungu z’abantu nkuko rimwe rimwe vyama vyibonekeza .

Faustin NDIKUMANA atera akamo Abarundi bose kwubaha ivyanditse mur’ayo masezerano ndetse uwo musi wame ubera abarundi bose akaryo ko kwisuzuma.

Mwomenya ko amasezerano y’i Arusha yatewe ko umukono kw’igenekerezo rya 28 myandagaro umwaka w’i 2000 i Ausha mu gihugu ca Tanzaniya hagati ya Reta y’Uburundi y’ico gihe n’imigwi yagwana.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.