IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Rwanda > Urwanda: Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi ari mu rugendo murico (...)

Urwanda: Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi ari mu rugendo murico gihugu

Tuesday 24 July 2018, by vianney

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’ubuhindi Narendra Modi yakiriwe i Kigali kuruno wa kabiri igenekerezo rya 24 Mukakaro 2018,n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME ,mu rugendo arimwo murico gihugu rw’imisi ibiri.

Uyo mushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi Narendra Modi atunganije urugendo mu Rwanda inyuma yaho umukuru w’igihugu c’Ubushinwa ahejeje urugendo rwiwe rw’imisi ibiri aho mu gihugu c’Urwanda nyene.

Narendra Modi abaye umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi agendeye igihugu c’Urwanda intumbero y’urwo rugendo akaba ari ugukomeza umubano hamwe n’imigenderanire hagati y’Ubuhundi n’Urwanda.

Bitegekanijwe ko Narendra Modi azokwitaba inama y’ihuriro y’abagwizatunga b’Urwanda na bo mu gihugu c’Ubuhindi yongere atange inka zishika 200 mu karere ka Bugesera mu ntumbero yo gushigikira umugambi wiswe“Girinka.”

Imigenderanire hagati y’Urwanda n’igihugu c’Ubuhindi watanguye mu mwaka w’i 1999, aho ku murwa mukuru New Delhi Urwanda rwashizeho ibiro vy’uwugiserukira.

Abahindi baba mu gihugu c’Urwanda bangana ibihumbi 3, benshi muribo bakaba bakora ibikorwa vy’ubudandaji nko kudandaza ibikoresho bikoreshwa mu buhinga bwa none n’ibindi.


IGIHE

Forum posts

  • mbe uburundi bwo bazobugendera ryari?

  • U Rwanda n’igihugu ciyubaha . Imana ikomeze kugiteza imbere

  • u Rwanda muri iyi minsi rwerekanye ko ari igihugu gifite aho kimaze kugera kwakira mu cyumweru kimwe abayobozi nkaba bakomeye ku isi . ikindi ni ikikwereka ubushobozi ibikorwa remezo byateye imbere gucumbikira president w’uhushinwa iminsi ibiri mu gihugu na ministeri w’intebe w’ubuhinde 2jrs ntabwo byoroshye ni ikimenyetso cy’uko igihugu cyacu kizewe ku mutekano.

  • nanjy nifuzagak nk’ umuntu yubaha Imana akanayikorra I Burundi hagenderwa nk’ urwa Gasabo. U Burundi bagakundan nu Rwanda

  • Jewe murantwenza ngo u Burundi bazobugendera ryari?mbe borara hehe?u Rwanda ni Israel y’Africa,yaco mugereranya u Rwanda n’u Burundi

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.