IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Ibintu 10 vyerekana ko wagize ico wimariye naho atavyo wamenye

Ibintu 10 vyerekana ko wagize ico wimariye naho atavyo wamenye

jeudi 13 Munyonyo 2014

Abantu benshi baribaza ko ataco bashoboye mu buzima, bamwe bakabona bagenzi babo batunze imiduga myiza, amazu meza n’ibindi bishobora kwerekana ko umuntu ahiriwe mu buzima. Hari utuntu dutoduto abantu birengagiza kandi dushobora kubereka ko hari ico bamaze (réussite).

Ibintu 20 vyerekana ko umuntu yagize ico yimariye mu buzima bwiwe (réussite):

1) Imibereho yawe yarahindutse ntikiri nka kera

Muri kahise ushobora kuba wari ufitaniye imigenderanire mibi n’abandi kubera iki canke kiriya. Akarorero, ushobora kuba wakunda gutukana n’abo mubana ariko umunsi umwe wigira inama urabiheba. Aho wagize intsinzi ikomeye mu buzima bwawe

2) Ntutinya kurondera uwogufasha (demander de l’aide)

Gusaba ko umuntu agufasha ntibisigura y’uko ataco ushoboye. Ahubwo vyerekana inguvu. Abarundi bobo bavuga bati : "N’umwami yaratiye urushinge". Nta muntu n’umwe yikwije kandi abantu barakeneraniye, rero ntuze utinya gusaba uwugufasha.

3) Ubuzima bwawe wabuhaye ikibanza co hejuru

Ivyo bisigura ko usigaye wanka kugendana n’abantu b’imburakimazi. Ufata ko umuntu yobazwa ivyo yakoze. Eka wafashe intumbero yo kudatakaza umwanya n’abantu ataco bokumarira atari kugutesha umwanya.

4) Warahevye ibintu bituma utumva amahoro

Ubuzima bwa muntu burakeneye amahoro yo mu mutima canke umunezero. Kwiha amahoro n’ikintu nkenerwa mu buzima kandi kuwurondera naco n’ikimenyetso c’intsinzi. Iyo rero wafashe ingingo yo guhakana ico cose kitaguha amahoro nayo n’intsinzi mu buzima.

5) Iyo wiravye ukishima

Hari abantu bagaya uko baremwe bikanabatera isoni kwiraba mu cirori. Ushobora kuba ufise ikintu udashima ku mubiri wawe y’aba amaso, amatwi, amenyo canke umushatsi bituma winegura maze ukiyima ikibanza mu bandi. Utegerezwa guhindura uko wibona maze ukishima ico wahora ubona ko giteye isoni, ukigire ciza.

6) Ntugatinye kunanirwa ( l’échec )

Abarundi barayamze bati :" Kibi si gutemba, ikibi ni gutemba ntuvyuke". Nta muntu n’umwe arigera ashobora gukora ivyo yategekanije kandi bigakunda ijana kw’ijana. Womenya ko ubuzima ari uruhererekane rw’intsinzi n’ugutsindwa! Gutsindwa rero n’iyo ntango canke inzira yo gushikira intsinzi. Bati : "Hatsindwa uwaburanye" bisigura hananirwa uwagerageje.

7) Urafise abantu benshi inyuma yawe bagushigikiye

Abo bari inyuma yawe bashobora kuba ari incuti, canke abagenzi kandi n’ivyiza, hasigaye ko uraba uko kuntu bagushigikiye, ubanze kumenya ko hashobora kubamwo abakugenza. N’iyo ni intsinzi.

8) Ntukame mu myidogo

Hari abantu bakunda kwidogera akantu kose kabashikiye, uko n’ukwitera umubabaro. Hariho ibintu vyotuma umuntu yidoga nko kubura incuti canke umugenzi wo ku mutima canke hari n’ibindi bikomeye bishobora gutuntuza umutima ariko kurwanya ivyo bintu bitagira akamaro bigutuma widoga biri mu vyerekana ko washoboye gutunganya neza ubuzima bwawe.

9) Ukaryoherwa iyo abandi bariko batera imbere.

Iterambere ry’abandi siryo rituma wewe udatera imbere, aho woba wibeshe. Urashima abategerezwa gushimirwa. Uko uguma uraba ivy’abandi n’ijisho rishima haraho bigutera kwiyumvira nawe uko woshika ku yindi ntambwe.

10) Ntukicarike ingabirano

Urafise ingabirano y’ibintu ushoboye kandi bitandukanye n’ivy’abandi, reka rero kuvyicarika ahubwo uhaguruke uvyereke abandi.

Igice ca kabiri c’ibintu vyerekana ko uriko urahinduka tuzokibashikiriza hanyuma.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Wewe ndakwemeye kuko ivyuvuze nivyomurwego mpuzamakungu, twebwerero abarundi harihikintu kuvakera cadutaye kuwamazi kandi arikintunyamukuru, nikihe kubikanye nukubonye abandi barikobaraterimbere ntidukuze kuvyishimira nagato, kera uwubayehoneza habaho abagerageza gukoresha ibintuvyu bungetengete ngokuvira bamwice canke bamuhindure ikijuju ntasubire gukoresha ubwengebwiwe nkukoyarisanzwe, uburerohoho vyariyongereye ivyokubangamira umuntu kubwokubera arikwaraterimbere biboneka, ngomama namajini amuhubutunzi,ngomama arabahenda ntiyize, ngomama nigisuma,ngomama yamaze intungaryigihugu, ivyonibindi bijanye nokumuburamuza murazokurikirana mwakinogihe nivyovyiganje, mubihuguvyateyimbere iyumuntakize abenegihugu na reta barushaho kumukunda nokumwiyegereza nokumurinda kugirantihagire icomwononera ubutinzi.

  • Basha jewenibaza kowabanje kundaba kuko ndimubarundi bake bashakako abandibakira jewe namanaciye umugani ko abantubose bakize nanje noba nakize.Ndakunda ko abantu batera imbere mubuzima.Kandindakunda kugerageza gushakashaka.Kandinama nagerageje ndashima . Haruwundimugani namanaciye hakubana numukene nobana numutunzi ntabura umusi.

  • Basha jewenibaza kowabanje kundaba kuko ndimubarundi bake bashakako abandibakira jewe namanaciye umugani ko abantubose bakize nanje noba nakize.Ndakunda ko abantu batera imbere mubuzima.Kandindakunda kugerageza gushakashaka.Kandinama nagerageje ndashima . Haruwundimugani namanaciye hakubana numukene nobana numutunzi ntabura umusi.

  • Murakoze! kutugira inama noku twerekako mudukunda vyerekanako natweharico twakora Imana ibaheumugisha ikomeze ibongerereubushabozi....

  • Ego !Kweri Murahanura Verem Ntawogaya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.