IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Umuti paracetamol ushobora gutera ugukorokerwa ku bagabo

Umuti paracetamol ushobora gutera ugukorokerwa ku bagabo

samedi 8 Ruheshi 2013

Ku cigwa cakozwe na Inserm ,kunywa ibinini vyinshi bimwe bigabanura ububababare canke bimwe vy’umutwe bita paracetamol canke aspirine vyoba bituma hari ibintu bimwe bimwe umuntu abura, bigabanya bimwe vyitwa hormone n’ukuvuga bimwe bituma umuntu uduhimba tw’’umubiri dukura, mbere bigashobora gutuma umuntu agira ubugumba.

Impande y’izo ngorane zose, kumeneka umutwe n’ubundi bubare, abantu benshi barakunda kwama baca bafata iyo miti kenshi na kenshi ariyo yambere inyobwa cane kw’isi yose. Ariko ngo gufata urugero rurengeje bw’izo paracetamol na aspirine ngo zirafise ingaruka nyishi ku magara yacu.

Ku cirwa gishasha cakozwe n’abashakashatsi b’i Inserm, paracetamol na aspirine iyo unyoye vyinshi, ngo hari ivyo vyica mu mutwe no mu mubiri na cane cane ku bagabo. Ivyo kandi bari babibonye no ku cigwa cagizwe nabo muri danemark haraheze imyaka aho bagize icirwa ku mbeba aho vyemezwa na Bernard Jegou, umuhinga mpuzamakungu wibibazo vy’ibidukikije.

Iciyumviro c’abo bashakashatsi kikaba cavuye kukwiga isano riri hagati yo gufata iyo miti, umuntu afise inda hamwe n’ubumuga umwana ashobora kuvukana nk’ingwara yo kubura amatengatwa, canke ingorane yo kuvtayara. Kuri ubwo ico cigwa cafashe imbeba aho zose zerekanye ihungabana mu mitwe yazo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.